Iran: Indege ya Ukraine yakorotse iriko igerageza gusubira inyuma ku kibuga c’indege

Umurwi w'abatabazi ba Croissant Rouge bariko barondera ibisigarira vy'abahasize ubuzima

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Umurwi w'abatabazi ba Croissant Rouge bariko barondera ibisigarira vy'abahasize ubuzima

Indege ya Ukraine yagize isanganya ejo ku wa gatatu mu gihugu ca Irani mu gihe yariko igerageza gusubira ku kibuga c'indege, nk'uko abajejwe amatohoza muri Irani babimenyesha.

Iyo ndege Boeing 737-800 yakorotse haciye iminota mike igurutse ivuye ku kibuga c'indege ca Tehran ika ku mugwa mukuru wa Ukraine, Kyiv, ingenzi 176 zari muri yo nta n'umwe yarokotse.

Amatohoza y'intangamarara yerekana ko iyo ndege yagize ibibazo vy'ubuhinga imaze kuva mu kibuga c'indege, kandi ko "yafashwe n'umuriro".

Iryo sanganya ribaye mu gihe icuka kibi kirangwa hagati ya Amerika na Irani - haciye gusa amasaha makeya Irani iteye ibisasu vya misire ku birindiro bibiri vy'ingabo za Amerika muri Iraq.

Hagati aho, nta cemeza ko hoba hariho isano.

Irani imenyesha ko itazoshikiriza Amerika canke Boeing ca gisandugu kibika amakuru yose y'urugendo rw'indege.

Mu mategeko mpuzamakungu agenga ingendo z'indege, Irani ifise uburenganzira bwose bwo gukora amatohoza, ariko ihinguriro ryayo riragiramwo uruhara.

Umukuru w'ikigo kijejwe indege muri Irani Iran's Civil Aviation Organisation (CAOI), Ali Abedzadeh, avuga ati: "Iyo ndege, yategerezwa gufata inzira yo mu burengero ikiva ku kibuga c'indege, ariko yakatiye iburyo bivuye ku ngorane, ikaba yakorotse iriko irasubira iinyuma ku kibuga c'indege".

Bwana Abedzadeh yongera ko ababibonye bemeza ko "babonye iyo ndege yaka umucanwa" imbere y'uko ikoroka.

Hagati aho, avuga ko umudereva ntiyigeze amenyesha ko hari ingorane zabaye imbere y'ugusubira inyuma.

Amakuru avuga ko iyo indege ata ngorane yagize igihe yaguruka iva ku kibuga c'indege, ikaba yagiye gukoroka igeze ku burebure bwa metero 2400 uja mu kirere.

Igihugu ca Ukraine arico nyene iyo ndege, catangaje ko iri genekerezo rya 9 ukwezi kwa mbere uba umunsi w'ikigandaro.