Umudereva yafashwe n'intsinga z’umuyagankuba mw’isanganya ry’indege y’indwano y’Ububirigi

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abategetsi bavuga ko indege y'intambara y'Ububirigi F-16 yagize isanganya mu gihugu c'Ubufaransa, isiga umudereva yafashwe n'intsinga zitwara umuyagankuba.
Abategetsi ba gisirikare b'Ububirigi bavuga ko abadereva babiri bariko banyonga iyo ndege bapirutse hafi y'igisagara ca Lorient mu ntara ya Bretagne.
Ibimenyeshamakuru vy'u Bufaransa bivuga ko iryo sanganya ryabereye hirya rwose mu buseruko bw'iyo ntara, hafi y'ahitwa Pluvigner.
Uyo mudereva bashoboye kumukura kuri urwo rutsinga, eka n'uwundi nawe nyene bakaba bamaze gutora aho ari.
Amakuru avuga ko bose bameze neza.
Ibimenyeshamakuru vyo mu Bufaransa bivuga ko izo ntsinga zifise 'volts' zingana na 250.000.

Ikinyamakuru c'Ubufaransa, Le Télégramme, cerekanye isanamu iri kure isa n'iyerekana umusirikare arwanira mu kirere yenena (canke 'anagana' mu Kinyarwanda) ku ntsinga z'umuyagankuba hafi y'umunara muremure.
Ayandi masanamu yerekana umwotsi wirabura wava hafi y'aho iryo sanganya ryabereye, be n'igisenge c'inzu cononekaye.
Abategetsi bavuga ko ata birwanisho vyari muri iyo ndege.










