Luis Suarez: 'Barcelona yaramfashe nabi gushika aho ndira imbere y'uko nja muri Atletico Madrid'

Luis Suarez avuga ko yarize kubera ingene Barcelona yamufashe nabi imbere y'uko ayivamwo akaja muri Atletico Madrid.

Uyu musatirizi w'imyaka 33 akomoka muri Uruguay yarangije ikiringo ciwe c'imyaka itandatu yari amaze muri Barça mu kw'icenda akavuga ko yankiwe kuja mu myimenyerezo n'umurwi mukuru imbere y'uko agenda.

Ati: "Iyi minsi yambereye mibi cane. Nararize kubera ivyo nariko ndakorerwa".

"Imbere ya vyose nababajwe n'ingene ibintu vyariko birakorwa, kuko umuntu ategerezwa kuvyemera igihe ciwe kirangiye".

Suarez yinjiye muri Barcelonamu 2014 avuye muri Liverpool ku giciro c'imiliyoni zirenga 96 z'amadorari akaba yabaye igihangange kigira gatatu ca Espagne yatsinze ibitsindo vyinshi.

Yashoboye gutsinda ibitsindo 198, atsindira ihiganwa La Liga incuro zine, atwara n'ibikombe bine vyo mu gihugu hamwe kandi n'igikombe c'ihiganwa ry'imirwi yabaye iya mbere i Bulaya (Champions League) mu 2015.

Mu mwaka w'inkino wa 2019-2020, yinjije ibitsindo 21, bikaba ari vyo bitsindo bike yinjije mu mwaka wose mu myaka itandatu yose yari amaze muri Barça.

Mu gihe atari yitavye inkizo za kivandimwe za Barcelona, ayivuyemwo yari asigaje umwaka umwe ngo amasezerano afitaniye nayo arangire.

Atletico yatanze imiliyoni zitarenga zitandatu z'ama euro mu kugura suarez.

Amaze gutsinda ibitsindo bibiri mu nkino zitatu amaze gukinira Atletico.

Avuga ati: "Sinigeze nizera ubutumwa bama bampa ngo bariko bararondera ingene botorera umuti ikibazo canje kugira ngo ibintu bigende neza".

"Si bose bazi ivyabaye ariko ikibabaje gusumba vyose ni ukwitaba imyimenyerezo ariko ugashirwa ku ruhande kubera ntari nemerewe gukina mu nkino za kivandimwe zo kwitegurira ihiganwa".

"Umugore wanje yarabona ingene nari mbabaye akipfuza gusubira kumbona ndiko ndamwenyura, rero igihe ndonkeye akaryo ko kuja muri Atletico, sinigeje nijijanya imitima".

Lionel Messi, umusatirizi amaze gutsindira ibitsindo vyinshi Barcelona gusumba abandi bose yanditse ubutumwa ku mbuga hwaniro bwo guhoza suarez, avuga ati"yarirukanywe".

Suarez ati: "Sinatangajwe n'ingene Messi yanshigikiye ku mugaragaro kuko nanje ndamuzi cane".

"Arazi ingene nari mbabaye, nayo kwumva ko nagira nirukanwe nico cambabaje gusumba".

"Uburyo babikoze ntibwari bwiza kandi Leo arazi ingene jewe n'umuryango wanje twababaye".