Inyuma y’aho vyankiye ko agenda, Messi yakiniye Barcelona ubwa mbere

Lionel Messi yashoboye gukinira Barcelona ku ncuro ya mbere inyuma y'aho vyankiye ko ava muri uyu murwi, hari mu rukino rwa nijoro rwa kivandimwe n'umurwi Gimnastic de Tarragona muri Espanye.

Mu kwezi kw'umunani, uyu mukinyi w'imyaka 33 akomoka muri Argentine yarasavye ko yova muri Barcelona ariko mu ndwi iheze akaba yafashe ingingo yo kuguma muri uyu murwi kubera habuze umurwi ushikana igiciro kimusabwako.

Messi yashoboye gukina muri uru rukino rwarangiye Barcelona itsinze uyo murwi kuri 3-1.

Yagiye gusubirizwa co kimwe n'abandi bari batanguranye igice ca mbere giheze.

Muri uru rukino, Ousmane Dembele niwe yatanguye gutsinda, mu nyuma Antoine Griezmann na Phillipe Coutinho baza gutsinda ibindi kuri ya mipira itererwa ku metero 11 (penalties).

Messi, umusatirizi amaze gutsindira Barcelona ibitsindo vyinshi, yavuga ko mu masezerano afitaniye n'uyu murwi harimwo ingingo yamwemerera kugenda ata gisabwe.

Ibi vyamutumye mbere atanitabira umunsi wa mbere w'imyimenyerezo yo kwitegurira ihiganarwa ry'umwaka w'inkino waraye utanguye.

Barcelona hamwe n'abarongoye ihiganwa rya Espanye, La Liga, babandanije berekana ko iyi ngingo itari igifise agaciro, bikaba vyasabwa ko umurwi uwo ari wo wose womwipfuza wategerezwa kumugura ku giciro c'imiliyoni 700 z'ama euros.

Messi yahavuye asubira mu myimenyerezo amaze kumenyesha ko adashaka kwitwarira Barcelona muri sentare.

Ihiganwa rya La Liga ryaraye ritanguye icese, co kimwe na Premier League mu Bwongereza, ariko bikaba bitegekanijwe ko Barcelona ikina urukino rwa mbere ku wa 27 z/uku kw'icenda, aho izohura na Villarreal.