CEDEAO/Ecowas yakuyeho ibihano yari yafatiye Mali

Ecowas

Ahavuye isanamu, AFP

Umuryango w'igihugu vya Afrika y'Uburengero CEDEAO/Ecowas yakuyeho ibihano yari yafatiye Mali inyuma y'itembagaza ry'ubutegetsi bwa Ibrahim Boubacar Keita mu kwezi kw'umunani.

Iyi ngingo ifashwe inyuma y'aho abategetsi ba gisirikare bashingiye leta mfatakibanza ihuriyemwo abasirikare n'abasivire.

Mw'itangazo ryayo, CEDEAO ivuga iti: "Dufatiye ku ntambwe igaragara yatewe mw'iyubahirizwa ry'ibwirizwashingiro, be no mu ntumbero yo gufata mu mugongo iyi ntambwe, abakuru b'ibihugu bafashe ingingo yo gukuraho ibihano vyafatiwe Mali, kandi bahamagarira incuti gufata mu mugongo Mali".

Abategetsi mfatakibanza ba Mali batangaje leta nshasha ejo ku wa mbere, aho bumwe mu bushikiranganji bukomeye bwagiye mu minwe y'abategetsi ba gisirikare.

Koroneri Bah Ndaw yagenywe kuba umukuru w'igihugu mfatakibanza, maze Moctar Ouane agenwa kuba umshikiranganji wa mbere.