Mali: Bah N'Daw ni we yagenywe nk'umukuru w'igihugu mfatakibanza

Ahavuye isanamu, AFP
Ka karwi k'abasirikare katembagaza ubutegetsi muri Mali kagenye Bah N'Daw yahoze ari umushikiranganji w'ukwivuna abansi ngo arongore leta mfatakibanza mu kiringo c'amezi 18 ari imbere.
Umurwi washinzwe n'abasirikare batembagaje ubutegetsi ku wa 18 z'ukwa munani ni wo uhejeje kubishikiriza ku mboneshakure y'ico gihugu.
Umukuru w'aka karwi, koloneli Assimi Goita, yagenywe kuba icegera c'umukuru w'igihugu mfatakibanza.
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa
Mu biganiro vyabaye mu ndwi iheze, humvikanyweko ibitegerezwa kuranga umukuru w'igihugu mfatakibanza.
Bimwe mu bimuranga, ni uko aba ari imvukira ya Mali, afise imyaka hagati ya 35 na 70, kandi akaba ari intungane. Ategerezwa kuba atigeze akurikiranwa n'ubutungane.
Umushikiranganji wa mbere, co kimwe n'abandi bashikiranganji ba leta mfatakibanza, na bo nyene bategerezwa kurangwa n'ibi biranga umukuru w'igihugu.
Mw'ikoraniro rigira 57 ry'abakuru b'ibihugu b'umuryango w'ibihugu vy'akarere k'uburengero i Niamey muri Niger ku wa 07/09, ECOWAS/ CEDEAO yari yahaye ako karwi itariki ntarengwa ya 15 z'uku kw'icenda ko koba kashikirije ubutegetsi umusivire kugira ngo arongore ikiringo mfatakibanza.
Bwana N'Daw yahora ari umusirikare w'ipeti rya koloneli-majoro, ubu akaba yahora mu kihuruko k'izabukuru.
Mu ndwi iheze, CEDEAO yari yamenyesheje ko umukuru w'imfatakibanza agomba kuba umusivile, ko icegera c'umukuru w'igihugu mfatakibanza ari we waba ari umusirikare.
Ntibizwi niba Bwana N'Daw azemerwa na CEDEAO canke abatavuga rumwe n'ubutegetsi.










