Mali: abategetsi ba gisirikare bemeye leta mfatakibanza y’amezi 18

Ahavuye isanamu, EPA
Abategetsi bashasha ba gisirikare muri Mali bemeye gushinga leta mfatakibanza izomara amezi 18 gushika amatora abaye, ni inyuma y'ibogozwa rya Perezida Ibrahim Boubacar Keïta (IBK).
Umuvugizi wabo Moussa Camara avuga ko iyi leta mfatakibanza ishobora kurongorwa n'umusivire canke umusirikare.
Iyi ngingo yashitsweko inyuma y'ibiganiro vyamaze iminsi itatu hagati y'aba bategets ba gisirikare ku ruhande rumwe, hamwe n'abatavuga rumwe n'ubutegetsi be n'amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike ku rundi ruhande.
Ibi biganiro vyari vyerekeye ingene ubutegetsi bwa Mali bwosubira mu minwe y'abasivire.
Uwahora ari umukuru w'iki gihugu aherutse kubogozwa, Ibrahim Boubacar Keïta, yashoboye kuva mu gihugu mu ndwi iheze.
Ku wa 05 z'uku kwezi kw'icenda, niho bwana Boubacar Keïta yurira indege imushikana muri Emira Zunze Ubumwe z'Abarabu agiye kwivuza, inyuma y'aho afatiwe n'indwara yo mu mitsi ifatira mu bwonko (AVC/stroke), nk'uko bivugwa n'abategetsi ba gisirikare.
Uwahoze ari umukuru w'ibiro vyiwe avuga ko ashobora kumara iminsi 15 hanze.

Ahavuye isanamu, Reuters
Inyuma y'itembagazwa ry'ubu butegetsi, abategetsi b'ibihugu vy'akarere ka Afrika y'Uburengero basavye ko ubutegetsi busubira mu minwe y'abasivire vuba bwango.
Mu ntango, abategetsi ba gisirikare batembagaje ubutegetsi bwa IBK bavuga ko bashaka gushinga ikiringo mfatakibanza c'imyaka ibiri.
Koroneri Assimi Goita arongoye ako karwi k'abasirikare batembagaje ubutegetsi avuga ati: "Twiyemeje imbere yanyu ko ataco tutazokora kugira ngo dushire mu ngiro ivyo twashitseko mu ntumbero imwe rudende yo gukingira inyungu z'abanyamali".
Perezida Keita yabogojwe ku wa 18 z'ukwa munani inyuma y'imyiyerekano yo kwiyamiriza ubutegetsi bwiwe bwagirizwa ruswa, isesagurwa ry'ubutunzi bw'igihugu hamwe n'impari ku bijanye n'amatora y'inama nshingamateka.
Ibogozwa ryiwe ryariyamirijwe n'amakungu, ariko hagati mu gihugu abanyamali benshi bakaba baryakiranye umunezero.
Bwana Keita yabanje gupfungwa n'igisirikare, ariko mu nyuma ararekurwa.
Iri bogozwa ryari rigize kane muri ico gihugu co muri Afrika y'Uburengero kuva kironse intahe y'ukwikukira mu 1960 inyuma y'imyaka itari mike kiri mu minwe y'abakoloni b'abafaransa.

Ahavuye isanamu, EPA
Ibogozwa ryaheruka ryari iryo mu 2012 ryatumye imirwi igendera ku vyiyumviro bikaze vy'idini rya Isilamu iboneraho akaryo ko kwifatira akarere k'uburaruko bwa Mali kubera umutekano muke warangwa mu gihugu.
Vyabaye ngombwa ko igirisikare c'u Bufaransa kija gufasha ico gihugu kwisubiza akarere kari kafashwe, ariko ibitero vyovyo n'ubu biracabandanya.
Mu ntango, abatembagaje ubutegetsi bavuze ko bazobandanya bubahiriza amasezerano mpuzamakungu yo kurwanya imirwi y'abarwanyi bagendera ku vyiyumviro bikaze vya Isilamu.
Ibihumbi n'ibihumbi vy'abasirikare b'u Bufaransa, b'umuryango w'ibihugu vya Afrika hamwe n'ab'ishirahamwe ONU bari muri ico gihugu mu ntumbero yo kurwanya abo barwanyi.










