Marcus Rashford yegeranije amakompanyi mu ntumbero yo kurwanya ubukene bw’imfungurwa

Marcus Rashford aganira n'imiryango y'abo bana
Insiguro y'isanamu, Marcus Rashford yabonanye n'imwe mu miryango ifise abana baronkejwe imfungurwa ku buntu

Umukinyi w'umupira Marcus Rashford yashinze umurwi ugizwe n'amakompanyi makuru makuru agurisha imfungurwa mu Bwongereza mu ntumbero yo gufasha abana bafise ibibazo vyo gufungura.

Muri rino ci, uyu musatirizi wa Manchester United w'imyaka 22 yashoboye gukora isekeza ryo kugaburira abana b'abanyeshure ku buntu.

Yafatiye ku vyamubayeko igihe yari kw'ishure agafungurirwa ku buntu nk'umwana, akaba yarashimagijwe kubona yarashoboye kugondoza leta guhindura ingingo yari yafashe yo kutabandanya ibagaburira.

Yandikiye abashingamateka, yerekana ingene imiryango imwe imwe igikeneye gufashwa.

Uyu murwi ugizwe n'amazu y'ubucuruzi (supermarchés), abadandaza hamwe n'amashirahamwe y'abagiraneza yaciye yishira hamwe kugira ngo ashigikire intererano yashikirijwe n'ikigo cigenga kijejwe kugenzura ibijanye n'imfungurwa mu Bwongereza (National Food Strategy).

Rashford avuga ko afise icizere ko uyu murwi uzoshobora guhindura ubuzima bw'abana.

Avugana na BBC mu kiganiro Breakfast, yavuze ko uwo mugambi wo kugaburira abana b'abanyeshure muri rino ci cari igikorwa c'akanya gato kugira ngo abana ntibicwe n'inzara, ariko ko muri kazoza bidashobora kubandanya gutyo.

Ati: "Dutegerezwa kuraba ukundi kuntu tubikora neza, tukiyumvira ukuntu iyi miryango yobandanya ironka ico ifungura igihe cose kugira ngo ntisubire kuja muri izo ngorane".

Rashford yizeye ko ashobora kuzofasha abana benshi mu gihe yofatwa mu mugongo n'imirwi y'abahinga.

"Twipfuza kubikora neza, tugakorana n'abagiraneza kugira ngo turabe ko tutoshika ku bisumba ibi mu gihe twobandanya dukorana".

Umushikiranganji w'amashure Nick Gibb avuga ko yipfuza kubonana na Rashford, akavuga ko uyu mukinyi "yakoze ikintu gikomeye mu gukangurira igihugu" ku bijanye n'iki kibazo.

Yabwiye BBC Breakfast ko leta ishigikiye intumbero ya Rashford mu mugambi wiwe wo kurwanya ubukene bw'imfungurwa z'abana kandi ko izokorera ku vyipfuzo vyatanzwe.

Abagize uyo murwi washinzwe na Rashford bemeye ko mu ndwi zitandatu ziri imbere bagiye gukoresha imbuga zabo mu gutanga amakuru y'abana bafise ibibazo vyo gufungura mu Bwongereza.

Mu gihe c'ingingo za gumamurugo kubera coronavirus, leta yaratanze imfashanyo z'imfungurwa ku miryango yari ifise abana bashoboye gutorwa ngo bagaburirwe, ariko ikaba yamenyesheje ko ibi bidashobora kubandanya mu biruhuko vyo mu ci.

Iki catumye uyu mukinyi w'umupira yandikira abashingamateka, afatiye ku vyamubayeko igihe yabeshwaho n'imfungurwa yaronkejwe ku buntu igihe yari akiri umwana i Wythenshawe mu karere ka Manchester.

Yaciye asaba leta gusubiramwo iyo ngingo - ivyo yaciye ikora haciye akanya gato abanje gukoma akaruru.

Ibi vyatumye abana hafi imiliyoni 1.3 mu Bwongereza baronswa ikarata ibaha uburenganzira bwo kuronswa imfungurwa mu biruhuko, aho buri mwana yaronkejwe imfashanyo ingana hafi ama pawundi 15 ku ndwi.