Messi ashaka Manchester City gusumba PSG, Klopp ati: 'nta wutamushaka mu murwi wiwe'

Jurgen Klopp na Lionel Messi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Klopp ati: "Ni nde mumenyereza atipfuza kubona Messi mu murwi wiwe?"

Jurgen Klopp, umumenyereza wa Liverpool avuga ko ata mugambi afise wo kurondera Lionel Messi, ariko akavuga ko uyu mukinyi vyomubera vyiza agiye gukina mw'igihangwa ry'Ubwongereza, Premier League.

Mu gihe kazoza k'uyu mukinyi kariko kavugwako vyinshi cane kuva amenyesheje ko yipfuza kuva muri Barcelona, Klopp avuga ko "ata mahirwe" ko uyu mukinyi akinira Liverpool.

Abajijwe nimba yoba yipfuza kugura uyu mukinyi w'imyaka 33, Klopp yishuye ati: "Ni nde mumenyereza atipfuza kubona Messi mu murwi wiwe?"

"Ikibazo si imyaka kuri twebwe, ariko dukeneye umukinyi mwiza, aho rero mvugishije ukuri".

Messi avugwa ko yipfuza gusubirana n'uwahoze ari umumenyereza wa Barça Pep Guardiola ubu asanzwe amenyereza Manchester City.

Ku rundi ruhande, ikinyamakuru co mu Bufaransa L'Equipe kivuga ko Lionel Messi ashima Manchester City gusumba Paris St-Germain, nk'uko bivugwa na se wiwe, akaba ari nawe amuserukira.

Ku wa kabiri, imbere y'uko amenyesha Barcelona ko yipfuza kuva muri uyu murwi, Messi yabanje no guterefona Pep Guardiola, umumenyereza wa Man city, yigeze no kumenyereza Barça.

Yamubwiye ati: "Ndipfuza gutsindira imipira y'inzahabu ibiri iri imbere, kandi mbona ko ibi nobishikako mu gihe noba ndi kumwe nawe".

Klopp avuga ko coba ari ikintu gikomeye mu gihe Messi yokwinjira muri Manchester City woca ukomera cane kandi bikaba ari ibintu vyogora kuwutsinda.

Ni mu gihe hari amakuru yavuga ko Manchester City yashobora gutanga Bernardo Silva, Riyad Mahrez na Gabriel Jesus ikabaguza na Messi, ariko uyu murwi warabihakanye.

Klopp ati: "Kuri Premier League, coba ari ikintu gikomeye, ariko sinibaza ko vyorinda guca hiyo hose".

"Ntarigera akina mu rindi higanwa. Umupira w'amaguru hano uratandukanye n'ahandi. Nipfuza kubona akina hano, ariko zinsi ko bizokunda".

Ni mu gihe bivugwa ko uwujejwe kwinonora imitsi muri PSG, Leonardo, yahamagaye Jorge Messi, se wa Messi amubaza ibijanye n'ivy'uyu musatirizi akomoka muri Argentine. PSG yoyo ikaba ihakana aya amakuru.

Amakuru avuga ko Jorge Messi yamubwiye neza ko umuhungu wiwe yipfuza kuja gukinira Manchester City.

Hagati aho, umukuru wa Barcelona, Josep Maria Bartomeu, yanse umubonano na Messi kugira ngo baganire ivyo kuva muri uyo murwi.