Habonetse umurwayi mushasha wa ebola muri Kongo vyagire bitangazwe ko yaheze

Abaganga bariko baratanga urukingo rwa Ebola muri Kongo

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Hagire hatangazwe ko Ebola yaheze muri Kongo

Abajejwe intwaro muri Republika ya Demokrasi ya Kongo bavuga ko habonetse umurwayi mushasha wa Ebola mu buseruko bw'igihugu.

Iyi ni intambwe itewe inyuma mu gihe hari haciye indwi zitari nkeyi ata wundi muntu yanduye uwo mugera, hakaba mbere hari hitezwe ko ku munsi wa mbere hatangazwa ko ico kiza kitakirangwa muri Kongo.

Ikiza ca Ebola catanguye mu kwezi kwa munani 2018, kikaba kiza ubwa kabiri mu vyahitanye abantu benshi.

Abantu barenga ibihumbi bibiri barahasize ubuzima.

Abanyamakuru bavuga ko abajejwe intwaro bafise ikibazo gikomeye mu gisata c'amagara, mu gihe bahanganye ica rimwe na Ebola, coronavirus hamwe n'agasama.

Urashobora kuraba n'ibi: