Abahanganye na Ebola muri Kongo barenga 300 baramaze guterwa

Abakozi barwanya Ebola muri Kongo

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abarwanya Ebola 6 baramaze kwicwa abandi 70 barakomereka

Leta ya Republika ya Demokrasi ya Kongo ivuga ko kuva mu ntango z'uno mwaka abakozi bahanganye n'ikiza ca Ebola barenga amajana atatu bamaze kugabwako ibitero mu buseruko bw'igihugu.

Icegeranyo c'ubushikiranganji bujejwe amagara kivuga ko batandatu bamaze kwicwa abandi mirongo indwi barakomereka.

Ico cegeranyo congerako yuko ivyo bitero bibangamira utwigoro two kubuza uwo mugera ngo ntukwiragire.

Mu mpera z'indwi yaraye iheze umunyamakuru wa radiyo okapi yariciwe iwe muhira.

Yishwe nyuma gatoyi yo gushikiriza ikiganiro co guhimiriza abantu ku kwirinda Ebola kuri radio.

Kuva ico kiza caduka mu kwezi kwa munani mu mwaka uheze, kiramaze guhitana abantu ibihumbi bibiri n'ijana na mirongo umunani.