Ingaruka y’ibitero vy’abitwaje ibirwanisho kuri Ebola muri Kongo

Ahavuye isanamu, Getty Images
Imirwi y'abaganga bariko barafasha guhangana n'ikiza ca Ebola muri Republika y'Intwaro Rusangi ya Kongo bavuga ko utwigoro twabo tuburizwamwo n'ibitero bikorwa ku bakozi babo.
Umugera w'iyo ndwara uriziziye intara zo mu buseruko bw'ico gihugu za Kivu y'Uburaruko hamwe na Ituri, uturere twiganjemwo imirwi yitwaje ibirwanisho.
Ishirahamwe Médecins Sans Frontières (MSF) rivuga riti: "Nta cizere ko ukutizerwa be n'ibitero bikorwa ku bigo bijejwe kurwanya Ebola biriko birahagarara".
None ni hehe habaye ivyo bitero, kubera iki abajejwe amagara y'abantu aribo biziziwe?
Ishirahamwe rijejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS, rirakurikirana ibitero bikorwa ku bajejwe amagara y'abantu n'ibigo vy'ubuvuzi.
Uno mwaka wa 2019, muri ico gihugu ca Kongo niho habaye ibitero vyinshi gusumba, aho bimaze gushika ku 174, mu gihe mu gihugu ca Afghanistani ivyo bitero vyabaye 41, nayo muri Syria haba 35.
Muri ivyo bitero, hariho ibikorwa ku bigo vy'ubuvuzi/amavuriro, ku bakozi, ku barwaye hamwe no ku miduga ikoreshwa muri ico gikorwa.
OMS ivuga ko abantu batanu bamaze kwicwa uno mwaka, abandi 51 barakomeretswa.
Muri ivyo bikorwa vy'iterabwoba n'ivyo bitero, abakozi baterwa amabuye, mu gihe ibigo vy'ubuvuzi navyo biterwa n'abitwaje ibirwanisho bakongera bakanabiturira.
None kubera iki Abakozi bajejwe kurwanya Ebola baterwa?
Biribonekeza ko abanyagihugu batizeye abakozi b'abanyamahanga hamwe n'ivyo babwirwa ku vyerekeye iki kiza ca Ebola.
Icigwa casohotse mu mwaka wa 2018 mu kinyamakuru c'ubuvuzi, Lancet, cerekana ko "amakuru atari yo yakwiragijwe" ku vyerekeye ikiza ca Ebola mu ntara ya Kivu y'Uburaruko.
Ica kane c'ababajijwe muri ico cigwa bavuga ko Ebola itabaho, abenshi muri bo bakavuga ko ikiza ca Ebola cakozwe ku nyungu z'amahera canke kugira ngo bahungabanye ako karere.
Mu ntara ya Kivu y'Uburaruko, umurwi witwaje ibirwanisho witwa Mai-Mai, niwo wakoze ibitero ku bigo n'abakozi bajejwe ubuvuzi.
Hari uwundi murwi urwanya ubutegetsi bwa Uganda usanzwe ukorera mu gihugu ca Kongo, Allied Defence Forces (ADF), nawo nyene ukaba wagirizwa gutera ibigo bijejwe ubuvuzi.
Hampande y'iyo mirwi, hariho n'iyindi itazwi ikora ibitero ku bigo bijejwe ubuvuzi.
Hari ikindi kintu kidasanzwe giherutse gushika mu kwezi guheze ka gatanu, aho abo mu muryango wari wapfishije umuntu basimbiye ku baganga bari baherekeje uwo muryango mu bikorwa vyo gushingura uwabo yari yasandavye.
Amashirahamwe mpuzamakungu ajejwe ubutabazi avuga ko abanyagihugu banse kuyizera.
Umukuru w'ishirahamwe MSF, Meinie Nicolai , avuga ati: "Ico tuzi ni uko abariko bafasha kurwanya Ebola - MSF irimwo - batizewe n'abanyagihugu batari bake".
MSF ivuga ko mu gihe ibihuha n'ibinyoma arivyo bikwiragizwa, abantu bafise kugira amakenga ku twigoro two kurwanya uwo mugera.










