China: Umukuru w’igihugu aragabisha ko wa mugera corona ukwiragira cane

Inyuma y'inama y'abashikiranganji ku munsi mukuru w'umwaka mushasha mu Bushinwa, umukuru w'ico gihugu Xi Jinping aragabisha ko wa mugera ruhonyabantu corona uriko urakwiragira bidasanzwe.

Perezida Xi yabwiye abategetsi bakuru ko igihugu ciwe "kiri mu gihe kidasanzwe".

Umugera corona gushika ubu, umaze guhitana abantu 56 abandi nabo bashika 2000 baramaze kuwandura kuva wadutse.

Ibi bimeze uku mu gihe abashakashatsi b'abongereza bagabisha ko Ubushinwa bushobora kunanirwa no kurwanya uwo mugera.

Mui bisagara bimaze kwandukirwa n'uwo mugera, hari amategeko yafashwe yo kugabanya uruja n'uruza.

Kuva uno munsi ku wa Mungu, amamodokari y'abigenga ntiyemererwe kuja mu gisagara ca Wuhan aho uwo mugera watanguriye.

Ibirori vy'umunsi mukuru w'umwaka mushasha vyatanguye ejo ku wa gatandatu vyarahagaritswe mu bisagara bitari bike.

Hagati mu gihugu, ingenzi zitegerezwa kubanza gupimwa ubushuhe, mu gihe ingendo z'amatereni mu bisagara bitari bike zahagaritswe.

Mu ntara ya Hong Kong imaze igihe iri mu migumuko ikomeye hatangajwe ibihe bidasanzwe, ikiringo c'uburuhuko bw'abanyesure naco kirongerezwa.

Hari n'ibihugu bimaze kwandukirwa n'uwo mugera, aho abanduye bashizwe mu bibanza vya bonyene kugira ngo bavurwe.

Uwo mugerawa corona uri mu muryango w'imigera itera ibicurane bisanzwe, ariko ukabangamira cane ibihimba vy'ihemero.

Mu kumenya ko umuntu yafashwe, atangura kwumva amenetse umutwe, mu nyuma agakorora cane, inyuma y'indwi agatangura kugira ingorane zo guhema.

Gushika ubu nta muti canke urucanco rurashobora kuboneka.

Abategetsi b'Ubushinwa bikeka ko uyo mugera woba wanduwe uvuye ku bifungurwa vyo mu kiyaga vyinjijwe mu kinyegero.

Uwo mugera urateye umutima uhagaze abahinga bavuga ko bishobora kugorana ko igihugu c'Ubushinwa kuwuhagarika.

Abahinga bo mu kigo MRC bo mu Bwongereza kijejwe kwihweza indwara zandukira kw'isi kivuga ko umuntu yawanduye ashobora kuwandukiza abantu hafi batatu.

Ico kigo kirashima utwigoro abategetsi b'Ubushinwa bariko barakora mu guhangana n'uwo mugera, ariko bakavuga ko hakenewe ko uwo mugera ubu urwanywa gushika ku bice 60% kugira ngo bashobore kuwuhagarika.

Uwo mugera uramaze no gutandukira mu bihugu bindi

Ibihugu vya Thailand, Singapore, Ubuyapani, Taiwan, Malaysia, Vietnam, Koreya y'Epfo, na Nepal biramaze gutangaza ko bifise abanduye uwo mugera.

Ejo ku wa gatandatu, Australia yatangaje ko abantu bane bamaze kwandura, mu bisagara vya Melbourne na Sydney.

Eka no ku mugabane wa Bulaya uramaze gushikayo, aho u Bufaransa bumenyesha ko umaze gufata abantu batatu.

Leta zunze Ubumwe za Amerika nazo nyene ntiziri kure kuko zivuga ko abantu babiri bamaze kuwandura, harimwo umukenyezi ari mu myaka 60 wo muri Chicago yawanduye avuye mu karere ka Wuhan.