Panama: Igitero ca Amerika muri ico gihugu gufata Perezida waco Manuel Noriega

Abasirikare barenga 20.000 ba Amerika barungitswe muri Panama

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abasirikare barenga 20.000 ba Amerika barungitswe muri Panama

Hari kw'igenekerezo nk'iry'uno munsi, 03/01/1990 igihe umukuru w'igihugu ca Panama Jenerali Manuel Noriega yashikanwa muri Amerika gucirwa urubanza. Ni inyuma y'igitero abasirikare b'abanyamerika ibihumbi n'ibihumbi bakoze muri ico gihugu ku wa wa 20 z'ukwa 12 umwaka wa 1989.

Bamwe baciye mu kirere, abandi baca mu mazi, abandi baca hasi. Bari bafise intumbero yo kubogoza umukuru w'ico gihugu banamurengutse mu bucamanza ku vyaha vy'ukudandaza ibiyayuramutwe.

Imbere y'aho, Jenerali Manuel Noriega yari umukuru w'igihugu yari afitaniye ubucuti budasanzwe na Amerika ariko hashika aho butosekara ku buryo ntasubirwamwo.

Mw'ijambo yashikirije igihugu, Perezida wa Amerika w'ico gihe, George H W Bush yatangaje ko yagomoreye ingabo muri ico gihugu ca Panama kugira "akingire ubuzima bw'Abanyamerika " kandi kugira ngo ashikane Noriega "imbere y'ubutungane".

Iryo tangazo ryasohotse haciye iminsi ingabo za Panama zishe umusirikare wa Amerika. Ico gihe, Noriega yari yagirijwe na Amerika ko akora magendo y'ibiyayuramutwe, kandi ko yari yivye amatora yo mu 1989.

Ico gitero ciswe "Operation Just Cause", catumye ingabo zirenga 20.000 zitera Panama zigarurira n'ibirindiro bikomakomeye vy'igisirikare c'ico gihugu co muri Amerika y'Ubumanuko.

Umusirikare wa Amerika ariko arongora kajugujugu mu gitero cakozwe ku wa 23/12/1989 kw'ikambi ya gisirikare yari icuditse na General Manuel Noriega

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Umusirikare wa Amerika ariko arongora kajugujugu mu gitero cakozwe ku wa 23/12/1989 kw'ikambi ya gisirikare yari icuditse na General Manuel Noriega

Abantu 514 barimwo abasirikare n'abasivire ba Panama nibo bishwe ariko amashirahamwe yo muri ico gihugu amenyesha ko igitigiri nyaco kigera hafi ku 1000. Abasirikare 23 ba Amerika nibo bapfuye.

Ico gitero co muri Panama catumye ico gihugu kirangwamwo intambara yari ikomeye.

A US soldier searches the bag of a Papal courier during Operation Just Cause, outside the Vatican embassy in Panama City on 28 December, 1989.

Ahavuye isanamu, AFP

Abasirikare ba Amerika bari bigaruriye supermarche mu gisagara hagati muri Panama ku wa 23/12/1989

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abasirikare ba Amerika bari bigaruriye supermarche mu gisagara hagati muri Panama ku wa 23/12/1989
Kajugujugu za gisirikare za Amerika zariko zigenzura igisagara ca Panama ku wa 29/12/1989

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Kajugujugu za gisirikare za Amerika zariko zigenzura igisagara ca Panama ku wa 29/12/1989

Abanywanyi ba Noriega batari bake barahagaritswe mu migumuko yaciye yaduka.

Abari bashigikiye General Noriega bahagaritswe ku wa 25/12/1989

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abari bashigikiye General Noriega bahagaritswe ku wa 25/12/1989

Uyo mugabo bivugwa ko yafashwe n'abasirikare ba Amerika ariko arasahura, baca bamwambika igitambara mu maso baramupfunga.

Abasirikare ba Amerika bari bafashe umugabo yariko aranyaga mu gihe ico gitero caba

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abasirikare ba Amerika bari bafashe umugabo yariko aranyaga mu gihe ico gitero caba

Ku rundi ruhande, abanyagihugu barwanya Noriega bishimiye ico gitero co kumubogoza.

Abanyagihugu batishimira ubutegetsi bwa General Manuel Antonio Noriega bakirije abasirikare ba Amerika amabendera ya Amerika na Panama, aho hari kuwa 22/12/1989.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abanyagihugu batishimira ubutegetsi bwa General Manuel Antonio Noriega bakirije abasirikare ba Amerika amabendera ya Amerika na Panama, aho hari kuwa 22/12/1989.

Noriega yahavuye ahungira muri biro vy'uwuserukira Vaticano ku mugwa mukuru Panama City. Abasirikare ba Amerika bagumye bugarije ivyo biro muri iyo minsi ya Pasika, bakavuza uturirimbo two kumuhenda kugira ngo bikunde asohoke.

US soldiers man their security position outside the Vatican embassy in Panama City where Panamanian General Manuel Noriega was seeking asylum on 25 December. 1989.

Ahavuye isanamu, Getty Images

US troops guard the Vatican embassy in Panama City during Operation Just Cause on 25 December, 1989.

Ahavuye isanamu, AFP

Kw'igenekerezo rya gatatu ukwezi kwa mbere 1990, nk'uno munsi, niho yishikana amaze iminsi 11 muri ivyo biro vy'uwuserukira Vaticano.

Yaciye atwarwa ubutarariye muri Amerika i Miami kugira aciriwe urubanza, aho yagirijwe magendo y'ibiyayuramutwe, urudandazwa rudaciye mu mategeko b n'ukunyuruza amahera.

Jenerali Manuel Noriega (hagati) yari ashikanywe ku ndege ya gisirikare ya Amerika kugira atwarwe i Miami ku wa 03/01/1990 amaze gufatwa

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Jenerali Manuel Noriega (hagati) yari ashikanywe ku ndege ya gisirikare ya Amerika kugira atwarwe i Miami ku wa 03/01/1990 amaze gufatwa
Jenerali Manuel Noriega (hagati) yari ashikanywe ku ndege ya gisirikare ya Amerika kugira atwarwe i Miami ku wa 03/01/1990 amaze gufatwa

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Jenerali Manuel Noriega (hagati) yari ashikanywe ku ndege ya gisirikare ya Amerika kugira atwarwe i Miami ku wa 03/01/1990 amaze gufatwa

Noriega yamaze ubuzima bwiwe bwose apfunzwe - ubwa mbere muri Amerika, hanyuma mu Bufaransa mu nyuma muri Panama aho yapfungishijwe ijisho. Yapfuye mu 2017 mu gihe bari bahejeje kumubaga ikivyimba co mu bwonko.