Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Panama: Igitero ca Amerika muri ico gihugu gufata Perezida waco Manuel Noriega
Hari kw'igenekerezo nk'iry'uno munsi, 03/01/1990 igihe umukuru w'igihugu ca Panama Jenerali Manuel Noriega yashikanwa muri Amerika gucirwa urubanza. Ni inyuma y'igitero abasirikare b'abanyamerika ibihumbi n'ibihumbi bakoze muri ico gihugu ku wa wa 20 z'ukwa 12 umwaka wa 1989.
Bamwe baciye mu kirere, abandi baca mu mazi, abandi baca hasi. Bari bafise intumbero yo kubogoza umukuru w'ico gihugu banamurengutse mu bucamanza ku vyaha vy'ukudandaza ibiyayuramutwe.
Imbere y'aho, Jenerali Manuel Noriega yari umukuru w'igihugu yari afitaniye ubucuti budasanzwe na Amerika ariko hashika aho butosekara ku buryo ntasubirwamwo.
Mw'ijambo yashikirije igihugu, Perezida wa Amerika w'ico gihe, George H W Bush yatangaje ko yagomoreye ingabo muri ico gihugu ca Panama kugira "akingire ubuzima bw'Abanyamerika " kandi kugira ngo ashikane Noriega "imbere y'ubutungane".
Iryo tangazo ryasohotse haciye iminsi ingabo za Panama zishe umusirikare wa Amerika. Ico gihe, Noriega yari yagirijwe na Amerika ko akora magendo y'ibiyayuramutwe, kandi ko yari yivye amatora yo mu 1989.
Ico gitero ciswe "Operation Just Cause", catumye ingabo zirenga 20.000 zitera Panama zigarurira n'ibirindiro bikomakomeye vy'igisirikare c'ico gihugu co muri Amerika y'Ubumanuko.
Abantu 514 barimwo abasirikare n'abasivire ba Panama nibo bishwe ariko amashirahamwe yo muri ico gihugu amenyesha ko igitigiri nyaco kigera hafi ku 1000. Abasirikare 23 ba Amerika nibo bapfuye.
Ico gitero co muri Panama catumye ico gihugu kirangwamwo intambara yari ikomeye.
Abanywanyi ba Noriega batari bake barahagaritswe mu migumuko yaciye yaduka.
Uyo mugabo bivugwa ko yafashwe n'abasirikare ba Amerika ariko arasahura, baca bamwambika igitambara mu maso baramupfunga.
Ku rundi ruhande, abanyagihugu barwanya Noriega bishimiye ico gitero co kumubogoza.
Noriega yahavuye ahungira muri biro vy'uwuserukira Vaticano ku mugwa mukuru Panama City. Abasirikare ba Amerika bagumye bugarije ivyo biro muri iyo minsi ya Pasika, bakavuza uturirimbo two kumuhenda kugira ngo bikunde asohoke.
Kw'igenekerezo rya gatatu ukwezi kwa mbere 1990, nk'uno munsi, niho yishikana amaze iminsi 11 muri ivyo biro vy'uwuserukira Vaticano.
Yaciye atwarwa ubutarariye muri Amerika i Miami kugira aciriwe urubanza, aho yagirijwe magendo y'ibiyayuramutwe, urudandazwa rudaciye mu mategeko b n'ukunyuruza amahera.
Noriega yamaze ubuzima bwiwe bwose apfunzwe - ubwa mbere muri Amerika, hanyuma mu Bufaransa mu nyuma muri Panama aho yapfungishijwe ijisho. Yapfuye mu 2017 mu gihe bari bahejeje kumubaga ikivyimba co mu bwonko.