Amerika ivuga ko yishe abarwanyi bane b'umuhari al-Shabaab inyuma y’igitero wagirizwa muri Somalia

Igisirikare ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika kimenyesha ko cishe abarwanyi bane b'umuhari Al-Shabaab, mu bitero bitatu vy'indege vyakozwe ku birindiro vy'uyo muhari.

Itangazo ryasohowe n'ibiro vy'ingabo za Amerika zikorera muri Afrika, AFRICOM, rivuga ko ivyo bitero bakoranye na leta ya Somalia, vyakozwe ku birindiro bibiri vya al-Shabaab muri Somalia.

Ivyo bitero bibaye inyuma y'igitero co mu mpera yindwi iheze cahitanye abantu bashika 80.

AFRICOM ivuga ko abarwanyi bashika kuri bane ba Al-Shabaab bishwe mu turere twa Qunyo Barrow and Caliyoow Barrow mu ntara ya Lower Shabelle.

Iryo tangazo rivuga riti: "Ibi bitero bikomeye vyakozwe ku birindiro vy'abarwanyi ba Al-Shabaab bakoze ibitero vy'iterabwoba ku banyagihugu basanzwe ataco bazira muri Somalia…".

"Leta Zunze Ubumwe za Amerika na Leta ya Somalia bizobandanya ibitero kuri uyo murwi w'iterabwoba kugira ngo bawubuze kubandanya ukora ibitero vy'iterabwoba".

Ivyo bitero vy'indege bibaye inyuma y'umunsi umwe gusa ikibombe caturikiye ku mugwa mukuru Mogadishu gihitanye abantu hafi 80. Abarenga 140 nabo barakomeretse muri ico gitero.

Mu basize ubuzima muri ico kibombe harimwo abanyagihugu basanzwe ba Somalia hamwe n'abahinga bakomoka muri Turukiya.

Ico gitero cabaye mu gatondo ko ku wa gatandatu kuri bariyeri iri ahitwa Ex-Control mu gisagara ca Afgoye mu ntara ya Lower Shebelle, igihe ikamyo yari yuzuye ibibombe yaturika.

Gushika ubu nta murwi n'umwe uriyitirira ico gitero, ariko abategetsi ba Somalia baragiriza umuhari Al-Shabaab ko ariwo ugize iminsi ukora ibitero vy'ubwiyahuzi i Mogadishu.

Ico gitero nico gihitanye abantu benshi cane inyuma y'ikindi cabereye ahitwa Sobe mu ku wa 14 z'ukw'icumi 2017 kigahitana abantu hafi 500.

Ivyo bitero bibaye haciye amezi make ishirahamwe Amnesty International ryagirije Amerika ko mu bitero vy'indege rikora ku murwi al-Shabaab bihitana n'abasivire.

Hagati aho, muri iryo tangazo, Amerika imenyesha ko gushika ubu ata basivire barumva bishwe muri ico gitero.

Kuva Perezida Donald Trump ashitse ku butegetsi, ibitero vy'indege za Amerika kuri al-Shabaab muri Somalia vyariyongereye kuri muhari Leta Zunze Ubumwe za Amerika zifata nk'umurwi w'iterabwoba.