Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abantu barenga 50 bahitanywe n'imyuzurira muri Kenya
Abategetsi ba Kenya bamenyesha ko ibitigiri vy'abantu bahitanywe n'imisozi yabomotse mu karere ka West Pokot kari mu burengero bw'intara ya Rift Valley bigeze kuri 56.
Imiryango iharurwa mu mirongo yataye izayo inyuma y'uko amazu yayo apfukiriwe n'imisozi yabomotse canke agatwarwa kubera imvura ivanze n'igihuhusi ibandanya igwa mu karere gahana urubibe n'ubuseruko bwa Uganda.
Buramatari w'intara ya Pokot, Professor John Lonyangapou, yabariye BBC ko abantu 56 bapfuye abandi na bo baburirwa irengero mu mpera z'iyi ndwi yaranzwe n'ibiza bivuye ku mvura.
Imiryango iharugwa mu majana yarataye izabo, inyuma y'aho amazu yayo atwariwe n'imvura mu mitumba y'akarere ka West Pokot.
Imyiryango yashikiwe n'ivyo biza yashizwe mu mashule, amasengero hamwe n'ibindi bigo kure y'amazu yabo yarengewe n'amazi canke ugasanga yugarijwe n'ibikoko.
Abashikiwe n'ivyo biza barakeneye imfashanyo nk'amazi meza, ibifungurwa n'ivyo kwifuka.
Amabarabara menshi ntagendwa kubera usanga yarahitanywe n'imyuzurira canke ikabomora ibiraro.
Abahinga mu bijanye n'ihindagurika ry'ibihe baragabisha ko imvura izobandanya igwa ari nyinshi bigatuma ihitana vyinshi na cane cane mu karere usanga imisozi yarahitanywe n'amazi hirya no hino muri Afrika y'ubuseruko.