Kenya ivuga ko urugomero rwahitanye abantu 47 rutari rwemewe

Abajejwe intwaro muri Kenya bavuga ko urugomero rwamenetse rugahitana abantu barenga mirongo ine mw'itongo ry'abakora uburimyi bw'ubudandaji, rwari rwubatswe bitemewe n'amategeko.

Urwo rugomero rwamenetse kuwa gatatu mw'ijoro nyuma y'imvura nyinshi, rurekura imivo ikomeye y'amazi hamwe n'ivyondo.

Amazu menshi yarasambutse kandi abantu benshi gushika ubu ntawuramenya irengero ryabo, bikibazwa ko boba barapfukiriwe n'ivyondo.

Urwo rugomero rwari rwubatse mw'itongo ry'abarima amashurwe bashora mu bihugu vya Buraya.

Uruganda rw'amashurwe rwaragutse mu myaka mirongo ibiri iheze, kandi nyinshi mu ngomero hamwe n'ububiko bw'amazi akenerwa, vyubakwa ata mpusha zitanzwe.