Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
47 bahitanywe n'urugomero rwamenetse muri Kenya
Igipolisi ca Kenya kivuga ko abantu bashika mirongo ine n'indwi bahasize ubuzima bitewe n'imvura y'isegenya yatumye urugomero rumeneka mu ntara ya Rift valley.
Abakorera ishirahamwe ritabara imbabare Croix Rouge muri Kenya bavuze abantu batanu baburiwe irengero, abashika mirongo ine baratabarwa.
Igikorwa co kurondera no gutabara catanguye mu gihe batinya ko hoba hari ibindi biziga vyinshi vyapfukiriwe n'ivyondo mu kibanza ca Solai, kiri ku birometero amajana abiri werekeza uburaruko bushira uburengero bw'umurwa mukuru Nairobi.
Amazu ashika ku majana atanu yasambuwe n'imyuzure yashegeshe akarere gashika ku birometero bibiri vy'ubutaka burimwa, bituma abantu 2000 bateshwa izabo.
Abahatuye bavuga ko bumvise ikintu giturika n'urusaku rwinshi, imbere y'uko amazi menshi amanuka anyaruka cane abasanga mu bigwati.