Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umunsi wo gutangira gucyura ku nguvu impunzi z’Abarundi muri Tanzania ni uyu
Impunzi z'Abarundi mu makambi muri Tanzania bavuga ko bafise ubwoba ko umugambi wo kubahungura ku nguvu ushobora gukorwa kuko igenekerezo yageze n'aho ata kindi basubiye kubwirwa.
Umushikiranganji w'intwaro yo hagati muri Tanzania mu kwezi k'umunani yavuze ko kw'igenekerezo rya 01 ukwezi kw'icumi bazotangura gutahukana impunzi z'Abarundi bose "bavyemera canke batavyemera".
Kugeza ubu Tanzania ntacyo irahindura ku mugambi yafashe.
Umwe mu mpunzi aba mw'ikambi ya Nyarugusu uyu munsi kuwa mbere yabwiye BBC ati: "Nta myiteguro tubona, ariko baratubwiye ko tuzovyuka dusanga imodoka duhagararanye".
Undi murundi uba mu nkambi ya Nduta yabwiye BBC ko mu gitondo cy'uyu munsi kuwa kabiri ubuzima bwakomeje uko bisanzwe nubwo bafise ubwoba ko umwanya wose bishobora guhinduka.
Umugambi wo gutahukana izi mpunzi zitavyifuje wariyamirijwe n'imiryango mpuzamakungu itandukanye.
Dana Hughes umuvugizi w'ishirahamwe HCR mu karere ubushize yabwiye BBC ko basaba leta ya Tanzania n'iyo Uburundi kwubahiriza amategeko mpuzamakungu, ntihagire impunzi n'imwe yosubizwa mu Burundi itavyiyumvamwo.
Ico gihe, Kangi Lugola umushikiranganji w'intwaro yo hagati muri Tanzania yabwiye BBC ko igihe leta ibona ko ivyatumye umuntu ahunga vyaheze, ifise uburenganzira bwose bw'ukumusubiza iwabo.
Ku gicamunsi none kuwa mbere mu nkambi ya Nyarugusu hamanitswe itangazo ribwira impunzi ko abifuza gutaha biyandikisha uyu munsi kugira ngo ejo tariki ya mbere bazafashwe gusubira mu Burundi.
Igenekerezo 01 ukwezi kw'icumi rirageze, bamwe mu mpunzi bavuganye na BBC bavuga ko gutangura kubacura ku nguvu bibaza ko bishobora gukorwa umwanya wose babatunguye.
Impunzi iba mu nkambi ya Nduta itifuje gutangazwa amazina yagize ati: "Ubwoba ni bwinshi mu bantu ko ejo buca birukanwa, bavuga bati Tanzania ntimenyerwa".
Tanzania ihaye indaro impunzi z'Abarundi zirenga 220.000 ziba mu makambi ya Nyarugusu mu karere ka Kasulu, Nduta na Mtendeli mu karere ka Kibondo, ni mu ntara ya Kigoma.
Abenshi muri bo bahunze uruhagarara rwa politike rwo mu 2015 mu Burundi.