Tanzania ivuga ko igiye guhungura impunzi z’Abarundi zibishaka zitabishaka

Umushikiranganji w'intwaro yo hagati muri Tanzania amenyesha ko kuva kw'igenekerezo rya 01 ukwezi kw'icumi izotangura gutahukana impunzi z'Abarundi bose ziri muri ico gihugu, bavyemera canke batavyemera.

Bwana Kangi Lugola avuga ko icatumye bahungira muri ico gihugu atakikiriho.

Bamwe muri izi mpunzi babariye BBC ko kubahungura ku nguvu ari ukubashora ku risongoye kuko ico bahunze kikihari.

Ishirahamwe HCR rijejwe impunzi kw'isi rivuga ko n'aho bisa n'uko amahoro yiyongereye mu gihugu hataragera ko bahimiriza ihunguka.

Tanzania ihaye indaro impunzi zirenga 200 000 z'abarundi, abenshi muri bo bakaba bahunze uruhagarara rwa politike rwo mu 2015 mu Burundi.

Avugana na BBC, Bwana Lugola avuga ko leta y'Uburundi yidoga ko amasezerano yo ku wa 28 z'ukwa gatatu umwaka uheze wa 2018, hagati la Leta y'Uburundi, Leta ya Tanzania hamwe na HCR atariko arashirwa mu ngiro uko yategerezwa.

Avuga ko ayo masezerano yategekanya ko impunzi 2000 zitegerezwa guhungurwa buri ku ndwi, akagiriza HCR ko ifise ivyo inyegeje mu kwanka gushira mu ngiro amasezerano.

Ati: "Tumaze kubonana, twasanze bagenzacu bo muri HCR aribo baguma badukwepa, bavuga ko Uburundi ata bushobozi bufise bwo kwakira impunzi 2000 buri ndwi, mu gihe umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu Burundi atwemeza neza ko ubwo bushobozi babufise.

"Ntibikenewe ko impunzi zigishwa inama"

Abajijwe nimba impunzi zaragishijwe inama, Bwana Lugola avuga ko badashobora kugisha inama impunzi kubera "ntiyaje muri Tanzania ku gushaka kwiwe, yaje muri Tanzania kubera ingorane".

Avuga ko wewe atumva ingene impunzi yobanza kuvyiyumvamwo kugira ngo ihunguke mu gihe yahunze atabishaka.

Kuri we, iyo leta ibona ko ivyatumye umuntu ahunga vyaheze, ifise uburenganzira bwose bw'ukumusubiza iwabo.

Avuga ati: "Amakungu ategerezwa kudutahura. Ntidushobora kwemerera Umurundi uwo ari we wese, kubandanya aba muri Tanzania mu gihe ivyatumye tumwakira ata bikiriho".

Impunzi zifuza iki ?

Kuwa gatanu w'indwi iheze, uyu mushikiranganji Lugola hamwe na mugenzi wiwe Pascal Barandagiye w'intwaro yo hagati mu Burundi baragendeye amakambi y'impunzi z'Abarundi muri Tanzania, ariko ntibazibwiye iyo tariki ntarengwa ko bategerezwa gutaha.

N'aho batashikirije kumugaragaro izi mpunzi umugambi wo kuzihungura ku nguvu, bamwe muri zo babwiye BBC ko uwo mugambi bawuzi neza.

Bizimana* izina twahaye umwe muri izi mpunzi atifuje gutangazwa, ni umurundi aba mw'ikambi ya Nduta muri Tanzania, avuga ko umugambi wo kubatahukana ku nguvu bawumvise nabo.

Agira ati: "Abenshi turavuga tuti 'ha kuja kwisuka ku risongoye bituma twahuka intara dupfire mwa kino gihugu'."

Bizimana avuga ko bagenzi babo batahuka bariho koko, ariko ko abantu bahunze ugutandukanye.

*Bizimana avuga ko we n'abandi bahunze ubwicanyi bw'ubutegetsi, akabona ko n'ubu bukibandanya.

Ati: "Mbega bakoze iki nk'amakungu canke nka Tanzania, ese bakoze iki ngo ubutegetsi bwa Nkurunziza bureke gutoteza, kwica, kunyuruza abantu, bwaca bagatorwa ibiziga.

Bakoze iki nka Tanzania kugira ngo biyumvemwo kudushora ku risongoye kandi bazi ko ico twahunze kikiri harya nyene kitarahinduka".

Avuga ko ico bipfuza ari uko amakungu na ONU bifata mu maboko ikibazo cabo, kugira ngo ejo batagirirwa nabi.

Ati: "Badufashe kuko turamaze kubona ko Tanzania itagikeneye impunzi, ntabwo igikeneye kubona umuntu wese yitwa Umurundi ku butaka bwayo".

HCR ivuga iki?

Ishirahamwe HCR rimenyesha ko hataragera ko bahimiriza ko impunzi z'Abarundi zihunguka.

Mw'itangazo ryasohowe n'umuvugizi w'ibiro vy'akarere vy'iryo shirahamwe, Dana Hughes avuga ko ico bakora ari ukworohereza abipfuza gusubira iwabo.

Asaba leta ya Tanzania n'iyo Uburundi kwubahiriza amategeko mpuzamakungu, kandi ko ata mpunzi n'imwe yosubizwa mu Burundi itavyiyumvamwo.

Mu gihe Umushikiranganji w'intwaro yo hagati muri Tanzania avuga ko kuva mu mwaka wa 2015 ata murundi n'umwe wundi yigeze asubira guhungira muri Tanzania, Dana Hughes wewe amenyesha ko abaharurwa mu majana babandanya bahunga ico gihugu buri kwezi.

Asaba ahubwo ko abategetsi b'ibihugu vyo mu karere bobandanya buguruye imbibe zavyo bagaha ubuhungiro abo bose babusavye.

Mu kwezi kw'indwi guheze ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati muri Tanzaniya bwabwiye BBC ko "ata mugambi leta ifise wo guhungura izi mpunzi ku nguvu, ko impunzi zihunguka ku gushaka kwazo".

Impunzi z'Abarundi muri Tanzania ziba mu makambi ya Nyarugusu mu karere ka Kasulu, Nduta na Mtendeli mu karere ka Kibondo, ni mu ntara ya Kigoma, zikaba zingana na 225340 nk'uko bivugwa na Kangi Lugola, umushikiranganji w'intwaro yo hagati wa Tanzania.