Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ekleziya Katolika mu Burundi ibona amakenga, CNDD-FDD iti 'Katolika igomba gucanishamwo Abarundi’
Ekleziya Katolika mu Burundi isaba Abarundi kwirinda ivyo vyose vyotuma amatora ategekanijwe mu mwaka uza imitima y'Abarundi idatekaniwe.
Mw'ijambo ryasomwe kuri uyu wa Mungu 22/09/2019 mu masengero yose ya Katolika mu Burundi, Inama nkuru y'Abepiskopi b'i Burundi bavuga ko batewe amakenga n'ibikorwa bimwe bimwe babona ko bihagaritse imitima Abarundi batari bake.
Abategetsi b'u Burundi bagize iminsi batarabana ryiza n'abarongoye Ekleziya Katolika, bakabagiriza ko bivanga muvya politike, bakanabasaba ko batogira uruhande begamiyeko.
Abasenyeri bobo bavuga ko bazokwama bavuga ukuri "n'aho hari aho bishika kukababaza".
Mw'iryo tangazo, inama nkuru y'abepiskopi b'i Burundi iragabisha ko mu ntara zitari nke hibonekeza "agatima kabi k'ukuburabuza n'uguhohotera imigambwe imwe imwe n'ugutoteza abanywanyi bayo", mu gihe yemerewe gukorera ku mugaragaro.
Bavuga ko ivyo vyiyongera ku mvugo, ku nzandiko n'inyifato "vy'iterabwoba bishobora kubuza amatora kugenda neza".
Abo basenyeri bavuga kandi ko hari ubugizi bwa nabi burimwo ubwicanyi bufatiye ku mvo za politike bwibonekeza mu ntara zimwe zimwe.
Bati: "Ahatari hake bukorerwa abatavuga rumwe na Leta, kandi ahenshi, ubutungane ntibubanguka ngo bwerekane ko buriko burahana inkozi z'ikibi bukurikije amategeko".
Abo basenyeri kandi baratewe amakenga n'ico bita "ugushaka kwitiranya umugambwe uri ku butegetsi n'igisata kijejwe intwaro", bakavuga ko hari ibice bimwe bimwe aho urwaruka ruri muri uyo mugambwe womenga rugomba gusubirira inzego zishinzwe umutekano.
Basaba inzego zirongoye igihugu gushinga n'ukwubahiriza amategeko, cane cane irirekurira imigambwe myinshi gukora.
CNDD-FDD iti abo bagomba kuvyimvya imitima y'Abarundi
Iryo jambo yasohoye ku wa 13 z'uku kwezi kw'icenda ryagiye gukwiragizwa ku mbuga hwaniro imbere y'uko risomwa kuri uyu wa Mungu, rikaba ryarashavuje umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi.
Mu gihe yari muri komine Mugongomanga mu ntara ya Bujumbura ejo ku wa gatandatu, umunyamabanga mukuru w'umugambwe CNDD-FDD, Evariste Ndayishimiye, yabwiye abanyagihugu ko ata yindi ntumbero inama y'abepiskopi ifise atari uguteranya abarundi.
« Abungere ba Ekeleziya Katorika bashaka gusubira kuvyimvya imitima y'Abarundi, nkuko babigize mu mwaka wa 2015, imbere y'amatora».
Kuri we, iyo amatora yegereje, haba hageze ko bashikiriza amajambo y'ugucanishamwo Abarundi.
Evariste Ndayishimiye aranegura kandi ko abungere ka Katolika babona ko amatora ateguwe hakiri impunzi zikiri hanze "kuko babona ko ikibazo catumye bahunga kitaratorerwa umuti".
Bwana Ndayishimiye abona ko iyo atari ingorane kuko kuri we, n'ayandi matora yabaye mu myaka yaheze yatunganijwe impunzi zikiri hanze, akababazwa n'uko ko ata tangazo abo bungere ba Ekleziya Katolika bigeze basohora.
"Mu matora yo mu 1993, 2005, 2010, impunzi zose zari zarahungutse? Mwarigeze mwumva itangazo ngo amatora ntashoboka mu masengero kubera impunzi zose zitarahunguka"?
Ku bwiwe abavuga ko amatora ashobora kutagenda neza, ni abantu badakunda amatora bashako ko abarundi basubira mu "ntwaro za dyogora duhure".
Iryo jambo risohotse iminsi mikeya inyuma y'aho umukuru w'inama nshingamateka, Pascal Nyabenda, asabiye abarongoye Ekleziya ko boreka kwerekana aho bahengamiye mu bijanye na politike muri kino gihe.
Hari ku munsi mukuru wa Assomption i Mugera imbere y'isinzi ry'abakirisu bari bavuye mu mihingo yose y''igihugu.
Musenyeri Yohakimu Ntahondereye, umuvugizi w'inama y'abepiskopi mu Burundi, nawe ati: "Kubera rivuga ukuri, ijambo ry'Imana hari aho rigera rikababaza, rikamera nka wa mugera w'ukumena igihute, kandi ntidushobora gucisha iruhande".