Indege yatuye vyihuta kugira barokore uwaheze mu kazu ka surwumwe

Indege y'ikompanyi United Airlines vyabaye ngombwa ko ibanza guhagarika urugendo inyuma y'aho umwe mu ngenzi aheze mu kazu ka surwumwe.

Iyo ndege yariko iva Washington DC ija San Francisco vyabaye ngombwa ko yururuka ku kibuga c'indege ca Denver mu ntara ya Colorado.

Umuvugizi wa United Airlines yabwiye BBC ko mu gihe iyo ndege yari mu kirere "urugi rw'akazu ka surwumwe rwiyugaye".

Iyo ngenzi - umukenyezi - yashoboye kurokorwa iyo ndege imaze kwururuka. Iyo kompanyi ivuga ko uyo mukenyezi ataco yabaye.

Ireresi yerekana umufundi ariko agerageza kwugurura ako kazu ka surwumwe yafashwe n'umwe muri izo ngenzi yarakwiragijwe ku rubuga rwa Twitter.

Uyo mufundi yumvikana avuga ati: "Mama, turiko turakora uko dushoboye kugira ngo twugurure umuryango, mu mwanya turakwugururira, sawa!"

Jennifer Gettman, umwe muri izo ngenzi, yavuze ati: "Twese twakomye amashi aho uyu mugore yasohoka, bose bamwumviye ikigongwe".

"Sinzi ngene yiyumvise kubona yuyuruka ari mu kazu ka surwume, ariko yari ameze neza".

Izindi ngenzi zivuga ko uyo mukenyezi yamaze ikiringo hafi c'isaha yose yugaraniwe mu kazu ka surwumwe.

United Airlines ivuga ko "iriko ishikira ingenzi zose zari muri iyo ndege, be no kuri uyo mugore yari yugaraniwe mu bwiherero kugira isabe imbabazi.