Boeing igiye guha $144,500 buri muryango waburiye uwabo mu mpanuka yayo

Imiryango y'aburiye ababo mu masanganya y'indege Boeing 737 Max igiye kuronswa n'iyo kompanyi indishi y'akababaro ingana n'amadorari 144.500 umwe umwe.

Ababuranira imiryango y'aburiye ababo mw'iryo sanganya bavuga ko iyo ndishi ataco ivuze, bakabona ko ari uburyo bwa Boeing bw'ukwiyamamaza.

Myinshi muri iyo miryango isanzwe yaritwariye ikompanyi Boeing mu bucamanza.

Nomaan Husain, umwe mu bashingwamanza mu ntara ya Texas muri Amerika, aburanira imiryango 15 avuga ati: "Amadorari 144.000 ntaho bisa bisana n'indishi y'akababaro ku miryango yabuze".

"Ico si ikintu gishobora guhoza imiryango. Iyo miryango irashaka inyishu y'ukuri".

Uburyo bwo kwibagiza?

Kuva mu kwezi kwa gatatu, indege za 737 Max zarahagaritswe, mu gihe abajejwe amatohoza bariko bihweza ibijanye n'umutekano w'ingendo zayo.

Vyabaye inyuma y'amasanganya abiri muri Indonesia na Ethiopia yahitanye abarenga 340.

Mu baguye mu mpanuka ya Ethiopian Airways harimwo umunyarwanda umwe.

Mu kwezi kw'indwi, Boeing yemereye imiryango yabuze n'ababanyi bayo imiliyoni 100 z'amadorari.

Niho mu nyuma iyo kompanyi yamenyesha ko igice kimwe cohawe iyo miryango, ikindi naco kigakoreshwa mu vy'indero n'imigambi y'terambere mu miryango no mu kibano.

Robert A Clifford, umuhanuzi mukuru ku biraba isanganya rya Ethiopian Airlines, avuga ko kubona Boeing ata nsiguro yatanze igitangaza iyo ngingo vyerekana ko Boeing yashaka kuzimagiza ibijanye n'ibibazo vy'umutekano w'iyo ndege.

Yavuze kandi ko imiryango, myinshi muri yo yipfuza ko hubakwa ivyibutso vy'abayo baguye muri ayo masanganya, kandi ko ibandanya ibaza ingene izo miliyoni 50 zindi zizokoreshwa.

"Kimwe mu bibazo bibabaza imiryango iburira ababo mu masanganya nk'aya y'indege ni uko akenshi imiryango itigera ironka inyishu ku bibazo vyayo".

'Intambwe ikomeye'

Mw'itangazo ryasohotse, umukuru w'ikompanyi Boeing, Dennis Muilenberg, avuga ko gushiraho iyo ndishi y'akababaro ari "intambwe ikomeye" mu gufasha imiryango y'abaguye mu masanganya ya Boeing 737 Max 8.

Kenneth R Feinberg ajejwe gucungera ikoreshwa ry'ayo mahera, avuga ko iyo ndishi itabuza imiryango yababaye kwitwarira iyo kompanyi.