Imiriyoni $75 zo kurwanya ihohoterwa ry'abagore muri Afrika y'epfo

Abagore mu myiyerekano yo kwiyamirizai hohoterwa ryabo muri Afrika y'epfo, itariki mu kwezi kwa cenda 2019

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Prezida Ramaphosa avuga ko muri Afrika y'epfo hariko harabera intambara yo guhohotera abagore

Umukuru w'igihugu ca Afrika y'epfo, Cyril Ramaphosa, yatangaje umugambi wihutirwa ugamije guhangana n'ubugizi bwa nabi bufatiye ku gitsina.

Mu nama yihutirwa yahuje abashingamateka, Bwana Ramaphosa yavuze ko hariko haraba ingwano mbi igabwa ku bagore bo muri Afrika y'epfo.

Bwana Ramaphosa yabandanije avuga ko hageze ko igihugu ciyunga kikarwaniriza hamwe amabi akorerwa abagore.

Yavuze ko leta igiye gushinga ikigega c'amafaranga arenga imiriyoni mirongo indwi na zitanu z'amadorari aziyongera ku nteguro ya leta y'uno mwaka.

Prezida wa Afrika y'epfo Cyril Ramaphosa

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Prezida wa Afrika y'epfo Cyril Ramaphosa yavuze ko igihano c'abahohotera abagore kizokwongerwa

Ayo mafaranga azofasha mu bikorwa bitandukanye birimwo kwigisha abanyagihugu no kuronsa urwego rw'ubutungane inguvu zisununuye.

Yabandanije avuga ko igihano gihabwa abahamwe n'ivyaha kizokwongerwa, abahohoterwa nabo bitabweho kurusha.

Uwo mugambi kandi urimwo ingingo zigamije gufasha abagore kwisununura mu vy'ubutunzi.