Perezida wa Afrika y'Epfo Cyril Ramaphosa yiyemeje kurwanya igiturire muri ANC

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukuru w'igihugu ca Afrika y'Epfo, Cyril Ramaphosa, yiyemeje kurwanya "ingeso mbi zose" mu mugambwe ANC (African National Congress) mu ntumbero y'ukurwanya igiturire.
Mw'ijambo yashikirije inyuma y'aho atsindiye amatora yo mu ndwi iheze mu gisagara ca Johannesburg, Bwana Ramaphosa yashimiye abatoye bose avuga ko batanze "ubutumwa bwumvikana".
Yavuze ko kubona umugambwe ANC utsinda ku bice 58 kw'ijana, urugero ruto kuva ubaho, ari uko abitavye ayo matora bashatse kwerekana akababaro kabo.
Yarabemereye ko ata mabanga azozezwa abategetsi bakora "kugira ngo buzuze imifuko yabo".
Umugambwe ANC uri ku butegetsi kuva Nelson Mandela atowe nk'umukuru w'igihugu inyuma y'intwaro karyanishamiryango y'inkehwa z'abazungu mu mwaka wa 1994.
Itituka ry'ubutunzi, igiturire hamwe n'ubushomeri burenze urugero cane cane mu rwaruka, vyatumye umugambwe ANC utakaza amajwi muri ayo matora.
Perezida Ramaphosa yatowe ngo arongore uwo mugambwe mu mwaka wa 2017 inyuma y'aho Jacob Zuma ategekewe gutanga imihoho kubera kurya igiturire, ibirego yiyamiriza gushika ubu.
Perezida Ramaphosa avuga ko azohangana n'ivyo bibazo. Yavuze ati: "Nk'abarongoye igihugu, tuzokwegera iyo mirwi yose yashikirije iyo myidogo".
"Turahakuye icigwa. Twumvise akamo k'abanyagihugu ba Afrika y'Epfo. Twumvise ubutumwa nyabwo ku vyo bakeneye kuri twebwe".
Umumenyeshakamuru wa BBC akorera mu karere ka Afrika y'ubumanuko avuga ko ijambo rya Perezida Ramaphosa ryarimwo uburakari, aho yemerera abanyagihugu ko agiye guhagurukira igiturire, "abantu bamwe babishaka canke batabishaka".
Kubw'uyo mumenyeshamakuru, Perezida Ramaphosa ashaka kuvuga abanywanyi b'umugambwe wiwe bagirizwa kurya ibiturire ku butegetsi bwa Jacob Zuma.
Igikorwa kinini kimurindiriye kikaba ari ukugabanya igitigiri c'abagize leta yiwe gisanzwe ari kinini cane, be n'ugushira mu ngiro ivyo yemeye vy'ukurwanya igiturire mu mugambwe wiwe. Yavuze ati: "Tuzobarwanya".
Uyo mumenyeshamakuru avuga ko ari igikorwa kitazomworohera, mu gihe abanyamugambwe bacanyemwo kuva hafi gushika hejuru, hakaba bamwe bashigikiye Bwana Zuma.










