Abapolisi bashika umunani bahitanywe n'ikibombe muri Kenya

Al-Shabab ivuga ko yihora kubera igihugu ca Kenya gishigikiye leta ya Somalia

Al-Shabab ivuga ko yihora kubera igihugu ca Kenya gishigikiye leta ya Somalia

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Al-Shabab ivuga ko yihora kubera igihugu ca Kenya gishigikiye leta ya Somalia

Abapolisi bashika umunani ba Kenya bapfuye mu gihe imodoka barimwo yahonyora ikibombe cari giteze mw'ibarabara hafi y'urubibe ico gihugu gihana n'igihugu ca Somalia.

Imodoka yahonyoye kuri ico kibombe cayihitanye yarimwo abapolisi 11 mu karere ka Wajir mu buraruko bushira ubuseruko bwa Kenya.

Umukuru w'igipolisi ca Kenya, Hillary Mutyambai , yasohoye itangazo aho amenyesha ko abo bapolisi bari mu bikorwa vy'ugukizura kuri urwo rubibe, akavuga ko haciye harungikwa izindi ngabo harimwo n'abacungera ikirere.

Nta muntu canke umurwi n'umwe uriyitirira ko ari we canke wo wateze ico kibombe.

Abategetsi babwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko igipolisi ca Kenya kibandanya gikurikirana abikekwa ko ari abarwanyi b'umurwi Al-Shabab ugendera ku vyiyumviro bikaze vy'idini rya Isilamu basanzwe barwanya ubutegetsi bwa Somalia n'ibihugu bibushigikiye, harimwo na Kenya.

Uyo murwi ufise ivyo uhuriyeko n'umurwi Al-Qaeda, nawo nyene ugendera ku vyiyumviro bikaze vy'idini rya Isilamu, umaze imyaka itari mike ugerageza kurwanya leta ya Somalia.

Abo barwanyi baratakaje ibirindiro vyabo bitari bike, harimwo ibice vy'umugwa mukuru Mogadishu bari bamaze igihe biganziye.

Hagati aho, hariho uduce tutari duto twa Somalia bagifise mu minwe ariho babandanya bategurira ibitero vya tera twiruka (guerrilla) ku bategetsi cane cane bo hasi.

Al-Shabab kandi iramaze n'ukugira ibitero bitari bike, banyuruza n'abantu mu gihugu ca Kenya, bakavuga ko bariko bihora kubera uruhara rw'ico gihugu muri AMISOM - umurwi ugizwe n'ingabo ibihumbi 20 b'uburyango w'Ubumwe bw'ibihugu vya Afrika, bagiye gufasha leta ya Somalia kugarukana amahoro n'umutekano muri ico gihugu.

Mu kindi gitero cabaye muri Somalia, abantu bashika umunani bahitanywe n'ikindi kibombe caturikiye hafi y'ibariyeri iri hafi y'inyubakwa y'inama nshingamateka y'ico gihugu, ku mugwa mukuru Mogadishu.

Al-Shabab ivuga ko ariyo yakoze ico gitero, hamwe n'ikindi kandi cabereye kw'ibarabara rija ku kibuga c'indege co ku mugwa mukuru Mogadishu, ariko Imana ikaba yakinze kikaba ata muntu cahitanye.