Al Shabab ivuga ko ari yo yagavye igitero kw'ihotero ya Dusit iri mu muji wa Nairobi muri Kenya

Al Shaba yatangaje ko ari yo yagavye igitero kw'ihoteli i Nariobi

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Al Shaba yatangaje ko ari yo yagavye igitero kw'ihoteli i Nariobi

Ibiturika bishika kuri bibiri vyumvikanye bikurikirwa n'amasasu menshi mu kigo kiri mu karere ka Westlands mu muji wa Nairobi, ahari ihoteri ya Dusit hamwe n'ibindi biro.

Mu mwanya uheze umugwi w'abarwanyi ba ki Islam wo muri Somalia, Al Shabab, watangaje ko ariwo wagavye ico gitero.

Imiduga myinshi yatuririwe mu kibanza ihagakikwamwo, abapolisi bakaba bamaze kuhashika.

Umuntu ari muri ici kibanza yabwiye ibiro ntaramakuru Reuters ati: "Twatewe".

I hoteri ya Dusit bivugwa ko ari yo yatewe
Insiguro y'isanamu, I hoteri ya Dusit bivugwa ko ari yo yatewe

Reuters kandi ivuga ko hari umugabo umwe yasohotse yuzuye amaraso, mu gihe hari abanyeshure bariko barahungishwa.

Reuters kandi yabwiwe n'umugore akora hafi ati: "Natanguye kwumva inkoho zasana, ubwo nyene nza mbona abantu batanguye kwiruka badugije amaboko, bamwe binjira muri banki kwinyegeza.

Turabamenyesha ibindi kuri iyi nkuru uko tuza turabimenya