Igisirikare ca Amerika cishe abagwanyi batandatu ba al-Shabab mu bitero vy'indege

Al-Shabab iracigaruriye uduce twinshi twa hagati n'ubumanuko bwa Somalia naho iguma igabwako ibitero n'abasirikare ba Amerika
Insiguro y'isanamu, Al-Shabab iracigaruriye uduce twinshi twa hagati n'ubumanuko bwa Somalia naho iguma igabwako ibitero n'abasirikare ba Amerika

Igisirikare ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika cavuze ko cishe abagwanyi batandatu b'umugwi wa ki Isilamu al-Shabab, mu bitero vy'indege cagavye muri Somalia.

Ico gitero cagabwe mu ntara ya Lower Shabelle mu bumanuko bw'igihugu nico ca vuba, inyuma yaho Amerika yiciye abagwanyi barenga 60 ba al-Shabab mu kiringo c'ukwezi.

Mw'itangazo, ibiro bikuru vya gisirikare Pentagone vyavuze ko ico gitero ca nyuma cari gifise intego yo kugabanya umwidegemvyo w'umugwi al-Shabab, no kuyiburagiriza imihora muri ako karere.

Amerika irafashanya na leta ya Somalia hamwe n'umuryango w'Ubumwe bwa Afrika (Amisom) mu gikorwa co kugwanya aba al-Shabab kuva mu 2007.

Inyuma yo kwirukanwa mu gisagara ca Mogadishu - umugwa mukuru wa Somalia - mu 2011, aba al-Shabab baracigaruriye uturere two hagati no mu bumanuko bw'igihugu, aho baza baragaba ibitero harimwo n'ivyo ubwiyahuzi hirya no hino harimwo na Mogadishu, ku bategetsi ba leta, abajejwe umutekano hamwe no ku banyagihugu.