Mukhtar Robow umwe mubashinze umuhari wa al-Shabab yabujijwe kwitoza
Y

Ahavuye isanamu, AFP
Uwahoze arongoye umuhari witwaza idini rya Islam al-Shabab, akaba n'umwe mubawushinze, Mukhtar Robow, yabujijwe kwitoza muri Somalia.
Mw'itangazo ry'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu buvuga ko adashobora kwitoreza kurongora intara yo mu bumanuko bushira uburengero kubera agikurikiranwako ivyaha.
Iryo tangazo rigiye ahabona umusi umwe inyuma y'aho Robow avugiye ko azitoza.
Ni we mutegetsi wo hejuru wa al-Shabab amaze kuva muri uwo muhari, n'aho ari umwe mu bawushinze.
Robow yari yashikirije umugambi wiwe ko aramutse atsinze amatora, hoca haba ubucuti bukomeye na reta iri i Mogadishu, yama mu mishamirano na bumwe mu butegetsi bwo mu ntara.
Mu mwaka wa 2000 Robow yarahawe imyimenyerezo n'umuhari wa al-Qaeda muri Afghanistan.
Yavuye mu muhari wa al-Shabab mu 2012 kubera ivyo yise kudahuza ku vyiyumviro. Yaciye ashinga umuhari wiwe wagiye kenshi na kenshi uatana mu mitwe na al-Shabab.
Mu kwezi kwa gatandatu umwaka uheze, bivuye ku nkuru zavuga ko Robow ariko agiriranira ibiganiro na reta ya Somalia, Amerika yaramukuye ku rutonde rw'abaronderwa kubera iterabwoba, ihanagura n'agashimwe k'imiliyoni 5 z'amadolari zari zemerewe uwari kumufata.










