Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uburundi bwatowe mu kanama ka ONU kajejwe ibibazo vy'abasangwabutaka
Igihugu c'Uburundi catowe mu kanama k'ishirahamwe mpuzamakungu ONU kajejwe ibibazo vy'abasangwabutaka mu kiringo c'imyaka itatu, kuva uno mwaka wa 2019 gushika 2022.
Vital Bambanze, asanzwe ari mw'ishirahamwe riserukira Abatwa mu Burundi UNIPROBA, ni we yatowe ngo abe muri ako kanama.
Bwana Bambanze arashima iyo ntambwe, akavuga ko azokora ibishoboka vyose kugira ngo abasangwabutaka bo mu Burundi, mu karere eka no ku mugabane wa Afrika no kw'isi yose bagire agateka banyazwe.
Yagize ati: "Nta na kimwe nkeneye atari ukugenda kubwira amaleta, ndayasaba ko twicarana tukavugana ingene ibibazo abasangwabutaka bafise vyotorerwa umuti".
Ishirahamwe UNIPROBA rivuga ko ritazi igitigiri ntabanduka c'Abatwa mu Burundi, ariko ko bababa ibihumbi 90.
Uwuserukira Uburundi muri ONU, Amb. Albert Shingiro, yakeje Bwana Bambanze agiye guserukira Uburundi muri ako kanama.
Bwana Bambanze avuga ko Abatwa bo mu Burundi - bazwi ko aribo basangwabutaka muri ico gihugu - bahura n'ibibazo bitari bike, bibatuma bibona ko atari abarundi nk'abandi.
Yabandanije agira ati: "Ikibazo ca mbere dufise mu Burundi ni uko abarundi batari bake batarumva ko turi co kimwe n'abandi barundi b'abahutu n'abatutsi ijana kw'ijana".
N'aho ibwirizwa shingiro ry'Uburundi ritegekanya ibibanza bihabwa abatwa mu nzego z'igihugu, Bwana Bambanze avuga ko ribakumira kuko mu kugabangana ubutegetsi, riravuga neza ko "ibice 60 kw'ijana bazoba abahutu na 40 kw'ijana bazoba abatutsi, mu gihe abatwa bobo ari ubusa".
Avuga kandi ko ukwikumira kwabo ubwabo, ukutiga hamwe n'ikibazo c'ukutagira amatongo yegukira Abatwa ari ingorane zindi zikomeye.
Bwana Bambanze avuga ko abasangwabutaka mu karere kose bafatwa ko ari bantu bari inyuma, ariko agashima intambwe Abatwa bo mu Burundi bamaze gushikako agereranije n'abandi bo mu bindi bihugu.
Avuga ati: "Duhamagarira ayandi maleta kwumva ko ata n'umwe yavutse kugira ngo arenganywe".
Mu Burundi co kimwe n'ahandi mu karere, ibibazo vyinshi abatwa bahura navyo bishingiye ahanini ku kunenwa n'ayandi moko.