Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kuki mu Burundi abatwa bacubakana hagati yabo?
Mu Burundi, abantu bo mu bwoko bw'abatwa baracubakana hagati yabo bivuye ku mico n'imigenzo hamwe n'ubukene.
Ivyo ngo n'ukubera ayandi moko y'abahutu n'abatutsi bakibanena.
Ariko ku bakurambere, bavuga ko mu mico yabo bategerezwa kwubakana n'abana ba senge babo kugira bagwize umuryango.
"Jewe umupfasoni wanje ni umwana wa senge. Urabona turi bake, twabikora kugira tugwize umuryango bavyara bacu ntibaje kwubaka ahandi." uko ni uko umutama umwe avuga.
Ubu abatwa ubwabo baremeza ko, kubera iterambere hariho abarundi bo mu bundi bwoko bubakana n'abatwa, hakaba n'abandi bemera kwikinga agahumbezi kubera batinya kunenenwa.
Ku basore b'abatwa, abatutsikazi n'abahutukazi ngo babemera iyo bababonanye amahera gusa.
"Twebwe turarindira ko haza umusore w'umurundi kudukwera tukabura. Ariko hari abikinga agahumbezi bakaza gutera inda abakobwa bacu bagaca babihakana. Ivyo biratubabaza," ni ko umupfasoni umwe avuga.
Abatwa baramaze gutahura ko kwubakana mu muryango atari vyiza, ariko kubera bari inkehwa, ngo n'aho bokura umugeni kure cane usanga bafitaniye ubucuti.
Mw'ishirahamwe mpuzabatwa UNIPROBA bavuga ko ico kibazo bakizi.
"Ico kibazo turakizi, kandi cotora inyishu mu nzira zitatu: Guhimiriza abatwa ngo bige, kubaronsa amatongo hamwe n'uburaro bwiza. Nta mutwa yoza gukwa umuhutu canke umututsikazi adafise itongo ryo kurima. Ivo rero turiko turabikora." uko niko umushingamateka Liberate Nicayenzi wo mw'ishirahamwe mpuzabatwa avuga.
N'aho igitigiri kanuni c'abatwa mu Burundi kitazwi neza, ishirahamwe mpuzabatwa UNIPROBA rivuga ko bari hagati y'ibihumbi 90 n'ibihumbi ijana.