Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Iruhande yo kubumba abatwa basigaye barima bakanorora mu Burundi
Mu gihe umwuga wo kubumba inkono utagishobora gutunga abatwa n'imiryango yabo, ubu bariko bijukira uburimyi n'ubworozi nkuko bikorwa n'iyindi mirwi y'abarundi.
Ariko hari abagihanzwe n'ikibazo c'ubukene bw'amatongo.
BBC yaganiriye n'abatwa b'abarimyi bo muri komine Nyabiraba intara ya Bujumbura ku birometero 20 vy'igisagara ca Bujumbura ugana mu buseruko.
Umwe muri abo batwa ni Nathaniel Ntahimpera, BBC yamusanze mu murima asangiye n'abatwa bagenzi we.
Uruhande rumwe ruteyemwo imboga zo mu bwoko bw'amashu, urundi rurimwo ibiraya n'ibigori.
Nathaniel yagize ati :«Uwu murima urabona ko ari munini. Abatwa twagiye hamwe turitunganya maze dutangura kurima. Aha ni ho dukura amafaranga y'ishure y'abana, ni ho dukura ivyo dufungura eka mbere n'impuzu twambara tuzigura mu mafaranga dukura mu mwimbu w'ivyo twarimye»
Bimenyerewe abatwa batunzwe ahanini n'umwuga wo kubumba inkono. None barawuhevye?
Nathaniel avuga ati:"Kubumba ntitwobiheba kubera ni umwuga wa ba sokuru. Ariko kubera ubu ibintu vyatitutse ntitukiwirukira cane. Amasafuriya y'abazungu ni yo yasubiriye inkono zahora zidutunze. Ubu ntawukizigura".
Ikindi kitari kimenyerewe, uwufasha Nathaniel n'abatwa bagenzi we mu vy'uburimyi, ni umututsikazi, Joselyne ndayirorere.
Uyu mugore, arashima imigenderanire afitaniye na bo.
Joselyne avuga ati: «Ndabafasha gukingira isi, kugira za nyabarega no kwubaka uturima tw'igikoni. Ndamaze gufasha abaharurwa mu majana. Iyo ndaberetse ingene babikora maze nkabona ko babitahuye neza bikabaha n'umwimbu, biranezera cane».
Reta y'uburundi iramaze gutahura ikibazo c'ubukene bw'ivya nkenerwa bikoreshwa mu kubumba.
Ni muri iyo ntumbero yatanguye guhimiriza abatwa kugira bijukire kurima.
Mbere iranatanguza n'umugambi wo kubaronsa amatongo, ariko hari abatarashikirwa.
Basaba ko na bo bohabwa amatongo kugira barime nk'abandi.