Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Isanamu ya mbere y'ikinyenyeri cazimye canke trou noir
- Umwanditsi, Inkuru ya Pallab Ghosh
- Igikorwa, Umunyamakuru ajejwe ivy'ubumenyi, BBC News
Abahinga mu vy'ikirere n'amasi bitwa Astronomes, bafashe isanamu ya mbere y'ikinyenyeri cazimye, kiri mu kirere ca kure cane.
Gifise ubwaguke bw'ibirometero imiriyaridi 40 - ni ukuvuga inshuro imiriyoni zitatu z'ubwaguke bw'isi dutuye - abahinga mu bumenyi bakaba bacise "igisizimwe".
Ico kinyenyeri cazimye kiri ku birometero imiriyaridi imiriyoni 500 uvuye kw'isi dutuye kandi cafatowe hakoreshejwe ivyuma biraba kure, canke telescopes, umunani biri hirya no hino kw'isi.
Ivy'ico kinyenyeri cazimye vyasohowe mu kinyamakuru Astrophysical Journal Letters.
Pore Heino Flacke wo kuri Kaminuza ya Radboud mu Buholandi, yasavye ko ico gikorwa kigeragezwa, yabariye BBC News ko ico kinyenyeri cazimye bagisanze mu mugwi w'amasi (galaxy) witwa M87.
Yagize ati: "Iki tubona ni kinini cane kuruta akarere k'ikirere c'amasi akikuje izuba (system solaire)."
"Gifise uburemere buruta ubw'izuba inshuro imiriyaridi 6,5. Kandi twibaza ko ari kimwe mu binyenyeri vyazimye biremereye cane twibaza ko bibaho."