Abategetsi ba Sudani y’Epfo baritezwe kwitaba umwiherero i Vaticano

Prezida Salva Kiir (iburyo) wa Sudani y'Epfo na Riek Machar (ibubamfu)

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Prezida Salva Kiir (iburyo) wa Sudani y'Epfo na Riek Machar (ibubamfu)

Umukuru w'igihugu ca Sudani y'Epfo, Salva Kiir, n'uwo bahanganye, Riek Machar yahoze arongoye umurwi wahoze urwanya ubutegetsi, baritezwe i Vaticano kuri uyu wa gatatu mu mwiherero y'iminsi ibiri.

Amakuru y'uwo mwiherero yatangaje abatari bake, cane cane ufatiye kuri kahise k'abo bagabo babiri.

Ukutumvikana hagati yabo mu mwaka wa 2013 kwatumye haduka intambara hagati mu gihugu, yahitanye ubuzima bw'abantu ibihumbi amajana n'amajana.

Mu mwaka uheze wa 2018, barashize umukono ku masezerano y'amahoro, bikaba vyitezwe ko Bwana Machar afata ikibanza c'icegera c'umukuru w'igihugu mu kwezi kwa gatanu kuza.

Kubera bompi bagirizwa kugira uruhara mu ntambara yasinzikaje ico gihugu, biragoye guhakana iciyumviro c'uko abategetsi bo mu gihugu ca Sudani y'Epfo bashobora kuronka inyigisho ikomeye y'ukunagura imitima yabo.

Sudani y'Epfo yinjiye mu ntambara kuva mu kwezi kwa 12 kw'umwaka wa 2013

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Sudani y'Epfo yinjiye mu ntambara kuva mu kwezi kwa 12 kw'umwaka wa 2013

Ico nico nyene Vaticano izobaha muri uwo mwiherero witezwe kurongorwa na musenyeri mukuru w'i Canterbury (ahari icicaro gikuru c'ishengero Anglicani mu gihugu c'Ubwongereza), Justin Welby, hamwe na Papa Francis.

Intumbero ni iyo guhimiriza Prezida Salva Kiir n'abandi bategetsi bakuru muvya politike gushira ku ruhande ibibatandukanya bagakorera hamwe muri leta y'ubumwe.

Hari icizere ko Riek Machar yahoze arongoye umurwi warwanya ubutegetsi ariho azoba ari.

Mu gihe Papa atoshobora kubafasha kugira bahambe burundu ivyiyumviro vy'intambara, ntiyoba ari inkuru nziza ku mugambi w'amahoro w'ico gihugu ca Sudani y'Ubumanuko.