Abanyongwa muri Sudani Yepfo 'bababa abo mu Bushinwa'

Ikigo giharanira agateka ka zina muntu Amnistie Internationale kivuga ko kibabajwe n'ikoresha ry'igihano c'urupfu riguma ryiyongera muri Sudani Yepfo.
Ico kigo kivuga ko nimiburiburi abantu indwi banyonzwe bamanitswe mu kwezi kwa kabiri kwonyene - barimwo abantu batatu bo mu muryango umwe.
Benshi mu bamaze kunyongwa bagirizwa ubwicanyi ariko Amnistie ikavuga ko hari imanza z'abantu batatu zaciriwe mu kinyegero, imiryango y'abo imenya ivy'igihano c'urupfu bakatiwe bamaze kunyongwa.
Amnistie Internationale ivuga ko ubutegetsi bwa Sudani Yepfo bwanyonze abantu benshi cane mu 2018 kurusha mu yindi myaka, kuva igihugu cikukira mu 2011.
Icegera c'umuyobozi wayo mu karere ka Afrika y'ubuseruko, Seif Magango yabwiye BBC ko ni vyabandanya ku rugero bigezeko bishobora gushika ku gitigiri c'abanyongwa kivugwa mu bihugu vy'Ubushinwa na Irani.
Yagize ati: "Turiko turavugana na leta ya Sudani Yepfo tuyisaba ngo yubahirize uburenganzira bwo kubaho, ihagarike gukoresha igihano c'urupfu, tukayibutsa ko amakungu ariko aravavanura n'ico gihano ko ikwiye kwisunga aho amateka ageze."
"Twasavye Perezida Salva Kiir kudashira umukono ku ngingo z'igihano c'urupfu."






