Salva Kiir na Riek Machar bemeye gusangira ubutegetsi

Icegeranyo co mu 2016 casanze abo mu miryango ya prezida Kiir na Machar baba mu mazu meza cane hanze y'igihugu ca Sudani y'epfo, harimwo imwe nziza cane iri mu micungararo y'igisagara ca Nairobi, umugwa mukuru wa Kenya.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Icegeranyo co mu 2016 casanze abo mu miryango ya prezida Kiir na Machar baba mu mazu meza cane hanze y'igihugu ca Sudani y'epfo, harimwo imwe nziza cane iri mu micungararo y'igisagara ca Nairobi, umugwa mukuru wa Kenya.

Igihugu ca Sudani yepfo cateye intambwe yo kurangiza ingwano imaze imyaka itanu, mu kumenyesha ko abamaze igihe bashamiranye bagiye gusangira ubutegetsi.

Prezida Salva Kiir agiye gusubiza mu kazi Riek Machar nk'icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu.

Umugwi urongowe na Riek Machar uzohabwa n'ibibanza mu bushikiranganji no mu nama zijejwe amateka.

Hari ibindi biganiro bitegekanijwe bizohagarikigwa n'abategetsi bo mu karere mu minsi iri imbere.

Bwana Kiir yirukanye Bwana Machar mu 2013, amwagiriza gutegura guhirika ubutegetsi.

Abanyagihugu baharugwa mu bihumbi mirongo nibo baguye muri izo ndyane, mu kwezi guheze impande zose zikaba zapfunditse amasezerano yo guhagarika ingwano burundu.