Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Salva Kiir na Riek Machar bemeye gusangira ubutegetsi
Igihugu ca Sudani yepfo cateye intambwe yo kurangiza ingwano imaze imyaka itanu, mu kumenyesha ko abamaze igihe bashamiranye bagiye gusangira ubutegetsi.
Prezida Salva Kiir agiye gusubiza mu kazi Riek Machar nk'icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu.
Umugwi urongowe na Riek Machar uzohabwa n'ibibanza mu bushikiranganji no mu nama zijejwe amateka.
Hari ibindi biganiro bitegekanijwe bizohagarikigwa n'abategetsi bo mu karere mu minsi iri imbere.
Bwana Kiir yirukanye Bwana Machar mu 2013, amwagiriza gutegura guhirika ubutegetsi.
Abanyagihugu baharugwa mu bihumbi mirongo nibo baguye muri izo ndyane, mu kwezi guheze impande zose zikaba zapfunditse amasezerano yo guhagarika ingwano burundu.