Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Prezida Macky Sall agiye kubandanya mu mabanga yo gutwara Senegal
Umukuru w'igihugu ca Senegal, Macky Sall, niwe yatangajwe ko yatsinze amatora y'umukuru w'igihugu yo kuwa Mungu uheruka, ku majwi mirongo itanu n'umunani kw'ijana.
Ivyavuye mu matora, vyatangajwe n'umugwi uyajejwe, bisigura ko ingunga ya kabiri y'amatora itagikenewe.
Abakandida bane batavuga rumwe na leta, barimwo uwuza hafi mu majwi, Idrissa Seck, biyamirije ivyavuye mu matora ariko bavuga ko batazunguruza.
Abatavuga rumwe na leta bazwi cane babiri barankiwe kwitoza kubera guhamwa n'ivyaha vya ruswa.
Khalifa Sall, uwahoze ari umukuru w'igisagara ca Dakar akunzwe cane, hamwe na Karim Wade, umuhungu w'uwahoze ari umukuru w'igihugu, ntibashoboye kwitoza.