Prezida Macky Sall agiye kubandanya mu mabanga yo gutwara Senegal

Umukuru w'igihugu ca Senegal, Macky Sall, ahejeje gutora itariki 24/02/2019

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Prezida Macky Sall yatsinze ku majwi 58%

Umukuru w'igihugu ca Senegal, Macky Sall, niwe yatangajwe ko yatsinze amatora y'umukuru w'igihugu yo kuwa Mungu uheruka, ku majwi mirongo itanu n'umunani kw'ijana.

Ivyavuye mu matora, vyatangajwe n'umugwi uyajejwe, bisigura ko ingunga ya kabiri y'amatora itagikenewe.

Abakandida bane batavuga rumwe na leta, barimwo uwuza hafi mu majwi, Idrissa Seck, biyamirije ivyavuye mu matora ariko bavuga ko batazunguruza.

Khalifa Sall mu matora y'intara, itariki 29/06/2014

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Uwahoze ari umukuru w'igisagara ca Dakar, Khalifa Sall, ntiyemerewe kwitoza

Abatavuga rumwe na leta bazwi cane babiri barankiwe kwitoza kubera guhamwa n'ivyaha vya ruswa.

Khalifa Sall, uwahoze ari umukuru w'igisagara ca Dakar akunzwe cane, hamwe na Karim Wade, umuhungu w'uwahoze ari umukuru w'igihugu, ntibashoboye kwitoza.