Imvura y'isegenya yaraye ihitanye abantu i Bujumbura, barimwo umuryango w'abantu 6

Ababanye bariko baratwara ibiziga vy'umuryango wahitanywe n'imvura i Sororezi itariki 18/01/2019
Insiguro y'isanamu, Abahitanywe n'imvura i Sororezi ni umugabo n'umugore n'abana babo bane

Abantu batandatu bo mu muryango umwe bari mu baraye bahitanywe n'imvura y'isegenya yaguye mw'ijoro ryakeye ku mutumba Sororezo muri komine ya Kanyosha intara ya Bujumbura.

Nk'uko vyemezwa n'umuhanuzi wa musitanteri wa komine Kanyosha ajejwe ivy'intwaro n'imibano, Baziriho Ladislas, abitavye imana ni umugabo n'umugore n'abana babo bane.

'Vyabaye igihe c'isaha zitandatu z'ijoro. Umusozi warasenyutse uca uhitana uruhande rw'inzu rurimwo ivyumba bari baryamyemwo', nikwo Baziriho yabwiye abamenyeshamakuru.

Ababanye baje kuraba ibara ryaraye riguye ku mubanyi wabo i Sororezo, itariki 18/01/2019
Insiguro y'isanamu, Amazu atari make i Sororezo usanga yubatswe mu bibanza bimeze nabi cane kubera hatemba

Umutumba wa sororezo uri ku misozi ihanamiye igisagara ca Bujumbura, kandi amazu atari make usanga yubatswe mu bibanza bimeze nabi cane kubera hatemba.

Ariko abantu batobato barahahurumbira kubera hegereye igisagara ca Bujumbura hakaba horoshe kuba kubera hazimbutse.

Kubwa Ladislas Baziriho, ikigiye kwihwezwa ni ukuraba ingene hotunganywa umugambi wo kwimurira ahandi abanyagihugu baba muri ako gace.

Imvura y'isegenya yaraye iguye yarononye ibintu bitaramenyekana igitigiri no mu duce tumwe tumwe tw'igisagara ca Bujumbura.

Umuhanuzi wa musitanteri wa Komine Kanyosha, Baziriho Ladislas
Insiguro y'isanamu, Umuhanuzi wa musitanteri wa Komine Kanyosha, Baziriho Ladislas, avuga ko bagiye kuraba ingene bokwimurira ahandi abantu batuye muri ako gace

Inyubako zidakurikije amategeko no kuvogera ibibanza bitarekuriwe kwubakwamwo, ni bimwe mu bituma umwuzurira uhitana ibintu n'abantu mu gisagara ca Bujumbura no mu micungararo yaho.

Imvura yaraye iguye yanateje amahano mu Kinama na Buyenzi, naho nyene hapfuye abantu babiri, inzu 30 nazo zirasenyuka.

Muri kahise, abantu baharurwa mu majana barahitanywe n'imvura mu bice bitandukanye vy'uburaruko bw'igisagara ca Bujumbura.