Batatu bapfuye bazize imvura muri Mutambu

Ahavuye isanamu, Google Maps
Mu Burundi, abantu batatu bapfuye abandi batandatu barakomereka kubera ingwara y’isegenya yagiye mw’ijoro ryakeye, muri komine Mutambu, mu ntara ya Bujumbura rural.
Buramatari wa Bujumbura rural, Nadine Gacuti, avuga ko amazu agera 90 yasambutse, imirima itari mike iratwarwa.
Gacuti avuga kandi ko n’ibarabara rija ku rugomero rw’umuyagankuba rwa Mugere ryononekaye cane.
Mw’ijoro ryo ku wa kane mu ndwi iheze, abantu batandatu baritavye Imana bazize imvura, mu ntara ya Makamba, aho mbere hari n’abataye izabo.






