Imvura y'isegenya yaraye ihitanye abantu i Bujumbura, barimwo umuryango w'abantu 6

Abantu batandatu bo mu muryango umwe bari mu baraye bahitanywe n'imvura y'isegenya yaguye mw'ijoro ryakeye ku mutumba Sororezo muri komine ya Kanyosha intara ya Bujumbura.

Nk'uko vyemezwa n'umuhanuzi wa musitanteri wa komine Kanyosha ajejwe ivy'intwaro n'imibano, Baziriho Ladislas, abitavye imana ni umugabo n'umugore n'abana babo bane.

'Vyabaye igihe c'isaha zitandatu z'ijoro. Umusozi warasenyutse uca uhitana uruhande rw'inzu rurimwo ivyumba bari baryamyemwo', nikwo Baziriho yabwiye abamenyeshamakuru.

Umutumba wa sororezo uri ku misozi ihanamiye igisagara ca Bujumbura, kandi amazu atari make usanga yubatswe mu bibanza bimeze nabi cane kubera hatemba.

Ariko abantu batobato barahahurumbira kubera hegereye igisagara ca Bujumbura hakaba horoshe kuba kubera hazimbutse.

Kubwa Ladislas Baziriho, ikigiye kwihwezwa ni ukuraba ingene hotunganywa umugambi wo kwimurira ahandi abanyagihugu baba muri ako gace.

Imvura y'isegenya yaraye iguye yarononye ibintu bitaramenyekana igitigiri no mu duce tumwe tumwe tw'igisagara ca Bujumbura.

Inyubako zidakurikije amategeko no kuvogera ibibanza bitarekuriwe kwubakwamwo, ni bimwe mu bituma umwuzurira uhitana ibintu n'abantu mu gisagara ca Bujumbura no mu micungararo yaho.

Imvura yaraye iguye yanateje amahano mu Kinama na Buyenzi, naho nyene hapfuye abantu babiri, inzu 30 nazo zirasenyuka.

Muri kahise, abantu baharurwa mu majana barahitanywe n'imvura mu bice bitandukanye vy'uburaruko bw'igisagara ca Bujumbura.