Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abantu 6 bahitanywe n'ibihomoka mu Burundi
Umusozi waguye ku bakozi b'isosiyete yo kwubaka wahitanye abantu 6 abandi barakomereka muri komine Mutimbuzi mu ntara ya Bujumbura, nkuko ubutegetsi bwabishikirije.
Amakuru aturuka aho iryo sanganya ryabereye avuga ko abantu 6 baciye bapfa inyuma yaho inkombe y'umusozi ibagwiriyeko, bariko barimba bagerageza gukatisha amazi.
Babiri bari ku ruhande ngo bakomeretse, muri kino gihe ngo bakaba bariko baravugwa, nkuko umumenyeshamakuru wa BBC yashitse aho iyo mpanuka yabereye yavyiganye.
Umushikiranganji w'ibikogwa vya leta yashitse kwirabira ivyabaye.
Jean Bosco Ntunzwenimana yahojeje imiryango yabuze, amenyesha ko izoshumbushwa asigura kw'ibikogwa abo bakozi baguyemwo vyari vyaratangiwe amahera yo gutegekaniriza impanuka.
Si ubwa mbere imvura nyinshi ihitana abantu mu Burundi.
Mu mwaka wa 2014, uruzi gasenyi rwahitanye abantu bababa ijana bivuye ku mvura nyinshi yatumye rushwara imihana mu buraruko bwa Bujumbura.