Umuhanzi w'umurundi Yvan Kwizera ahanura abandi bavuza guitare basse ingene bobigira umwuga

Abakunzi b'umuziki bipfuza ko mu Burundi hoja harahimbazwa umusi mukuru umenyerewe muri za Amerika nka 'Bass day'.
Ni kimwe mu vyipfuzo vyashikirijwe na rumwe mu rwaruka kuri uwu wa kabiri, igihe rwariko rurakurikira inyigisho zijanye no kuvuza igitari c'umudiho bita 'guitare basse', zatanzwe n'umusore w'umurundi Yvan Kwizera avugiriza umuziki mu gihugu ca Kenya.
Uwo musore avugiriza umugwi 'Sauti Soul' ukomeye cane wo mu gihugu ca Kenya yabwiye BBC ko yahisemwo gusabikanya n'urundi rwaruka ubumenyi yakuye mu mahanga.
Agira ati: "Aha mu Burundi ni gake wobwira umuvyeyi ko kuvuza umuziki ari akazi ngo agutahure. Benshi bazi ko ari akagenegene umuntu akora ataco yiteze gukuramwo.
"Ariko si vyo. Nshaka ko uru rwaruka rutahura ko umuziki ushobora gutunga umuntu. Jewe nta kandi kazi mfise atari kuvuza umuziki. N'ubwo mfise imyaka 30 gusa, ngeze ku rwego mpuzamakungu kandi mbayeho neza".

Mu nyigisho urwo rwaruka rwahawe harimwo kwiga ingene batangura kuvuza igitari c'umudiho bita 'guitare basse', kumenya kuvuza ibintu utateguye (improvisation), kumenya ingene baronka ivyiyumviro mu muziki iyo uriko uravuza (creativite) hamwe no kuvuza Jazz.
Urwaruka rwitavye inyigisho ruvuga ko rwahigiye ibitari bike. Akarorero ni umwigeme Kwizera Milka avuza Guitare basse mu rushengero.
Agira ati: "Hari abarundi bamwe bibaza ko kuvuza guitare basse ari ivy'abahungu gusa. Si vyo. Jewe ndayivuza kandi nipfuza kubandanya gushika ku rwego mpuzamakungu. Yvan yatweretse ibitari bike kandi ndabona ko bizongirira akamaro kanini".

Gilbert Harusha, umwe mu bacuraranzi bavuza guitare basse avuga ko mu Burundi hakwiye kuba umusi abacuraranzi bavuza basse canke 'aba bassistes', boja barahurirako kugira bahimbaze bongere basabikanye ubumenyi.
Yvan Kwizera yatanguye kuvuza guitare basse mu mwaka wa 2008. Yavukiye muri mairie ya Bujumbura, se wiwe akaba yakunda gucuraranga.

Agira ati: "Ubwa mbere jewe nakunda kuvuza guitare accoustique. Ariko umusi umwe uwahora avuza basse mu mugwi wacu yaragwaye. Hama nca numva ingene bibishe kuvuza mu mugwi hatarimwo guitare basse. Naciye mfata ingingo yo kuvyiga".
Yvan Kwizera aracuraranga akongera akandika n'indirimbo. Akunda kwumviriza abaririmvyi bageze kure cane nka Richard Bona n'abandi.










