Amakuru yanyuma kuri Brexit: Biranyobeye ... mbega bigeze he?

Kuri uyu wa kabiri, abagize inama nshingamateka y'Ubwongereza baratora ku mugambi w'umushikiranganji wa mbere Theresa May, wo kuva mu Bumwe bwa Bulaya uzwi nka 'Brexit', n'imigenderanire ya kazoza hagati yavyo.

Ayo matora ahambaye, yari yabangiriweko kuva kuwa 11/12/2018 -aje mu gihe isango ry'uwa 29/03/2019 ry'Ubwongereza ryo kuva mu bumwe bwa Bulaya ritera ryegereza

Sinibaza ko hari umuntu n'umwe yoba azi neza uko ivya Brexit bizohera, kandi hashobora no kugera mu mpera z'indwi iza ata vyinshi turamenya.

Ariko ico dushobora kumenya co; ubwa mbere ni uko inama nshingamateka ifata integuro y'umushikiranganji wa mbere Theresa May kuri Brexit, no kumenya nimba hari ico yateganije iyo nteguro iramutse yanswe.

Ivyo ntawuzi ko bizoshika kuko nimba - nk'uko vyitezwe kuri uyu wa kabiri, aramutse atsinzwe amatora, mu bisanzwe azoba afise indwi imwe kugirango amenyeshe inama nshingamteka ikindi ateganya gukora.

Mu vyo ashobora gukora harimwo gusubiramwo integuro yiwe, canke akazana iyindi , canke agaheba umwumvikano uwo ariwo wose n'Ubumwe bwa Bulaya, canke naho agahamagaza iyindi kamarampaka, cabure akigizayo isango ryo kuva mu bumwe bwa Bulaya.

Nyibutsa ...batora kuki?

Integuro ya Theresa May irimwo ibice bibiri, hari amasezerano Ubwongereza butegerezwa gukurikiza ku mategeko, ajanye n'ukwo kuvana n'ubumwe bwa Bulaya, hakabamwo n'igice kitarabwa n'amategeko giteye bwa tangazo rya politike.

Ico gice ca kabiri kigaragaza ivyifuzo kuri kazoza k'imigenderanire y'Ubwongereza n'Ubumwe bwa Bulaya inyuma ya Brexit.

Abashigikiye Brexit mu bashingamateka b'umugambwe 'Conservative' wa Theresa May, babona ko umenga iyo nteguro yiwe ituma uruzogi rudacika neza hagati y' Ubwongereza n'Ubumwe bwa Bulaya.

Aho ni mu gihe abadashigikiye Brexit nabo mu ba 'Conservatives' nyene, co kimwe n'iyindi migambwe yose itari muri leta, babona ko umengo iyo nteguro yiwe nt' isobanuye neza.

None hashobora kuba iki?

BBC yibaza ko Theresa May aza gutsindwa amatora ku rugero rutari bwaboneke ku yindi leta iyo ariyo yose mu kiringo c'imyaka irenga 100.

Theresa May n'abashikiranganji biwe baradadaza kugeza ku munota wa nyuma kugirango barabe ko, n'ubwo botsindwa, hogira abatora ko babashigikiye.

None integuro ya Theresa May itemewe, hari uwundi mugambi?

N'abafasha biwe ba hafi, ntibazi nimba hari ikindi afise yoba ateganya.

Haba ku mugaragaro, canke mu mpisho, abo ayagira bose ababwira ko ata yindi nteguro yoza isa n'iyo rwiwe, mu gushira mu ngiro ivyavuye muri kamarampaka ariko ubutunzi bw'igihugu budasambutse.

Yamara ibi ni bimwe mu vyo yari gushobora gukora:

-hari gusubira mu Bumwe bwa Bulaya akaraba ko bumvikana ku nteguro abashingamateka biwe bokwemera,

-hari guharira n'abo bashingamateka bashika ku mwumvikano wosubirira iyo nteguro yiwe,

-hari gukangira abashingamateka akoresheje kubumvisha ko Ubwongereza bushobora kuvamwo butumvikanye na Bulaya ikintu na kimwe, canke ko azoca ajana iyo nteguro yiwe muri kamarampaka.

-hari no gusaba Ubumwe bwa Bulaya kuba buratenyenya ku mugabi wose wa Brexit.

Mbega umukuru w'inamanshimateka bari bapfuye iki?

Theresa May atangaje imbere y'igihe yari yarateguye, ico ateganya gukora hamwe integuro yiwe itemewe, vyoba bitumwe n'impari yagiranye muri iyi ndwi n'umukuru w'inama nshingamateka John Bercow ku ruhande rumwe, hamwe rero na leta yiwe n'abashingamateka bashigikiye Brexit ku rundi ruhande.

N'ubwo uwo mukuru w'inama nshingamateka aregwa ko ahengamiye ku ruhande rw'abashaka kuva mu Bumwe bwa Bulaya, yaravuze ko ico yifuza ari ugufasha inama nshingamateka kugira uruhara muri Brexit.

Ivyo rero birahambaye kuko inama nshingamateka ntiyemera yaba integuro y'umushikiranganji wa mbere Theresa May ku mwumvikano wo kuva mu Bumwe bwa Bulaya, yaba kuvayo ata mwumvikano.

Kizigenza mu migambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi wo ubibona gute?

Brexit ntiyacanishijemwo umugambwe wa 'Conservatives' uri ku butegetsi gusa, eka na 'Labour', ariwo kizigenza mu yitavuga rumwe na leta n'uko.

Umukuru wawo nawe nyene atemera Ubumwe bwa Bulaya, Jeremy Corbyn, yifuza iyindi nteguro kuri Brexit, ariko abenshi mu banywanyi b'umugambwe wiwe bifuza iyiyndi kamarampaka yobuza Ubwonegereza kuva mu Bumwe bwa Bulaya.

Abashingamateka ba Labour' bashaka guhakana integuro y'umushikiranganji wa mbere mu matora yo kuri uyu wa kabiri, ariko biragoye kumenya ico bateganya gukora mu gihe bazoba bariko baregereza isango ryo kuwa 29/03/2019

None Brexit izorangira gute?

Nta wobimanya.

Ico bikoze hashize imyaka irenga ibiri n'igice, abashingamateka batarashobora kwumvikana ico bokora ku vyavuye muri kamarampaka.

Aho niho ibintu bihagaze kandi nico cerekana ko Ubwongereza buriko buca mu ngorane za politike butari bwabone kuva mu 1945.

Ariko hamwe ata kindi kibaye, ico umuntu akwiye kwibuka n'uko Ubwonegereza bushobora kuva mu Bumwe bwa Bulaya ata mwumvikano birinze kugirana.

Hamwe naho Theresa May atoba yiteguriye kuva mu bumwe bwa Bulaya ataco bumvikanye, n'ukuvuga ata masezerano aherekeje iyo Brexit, inama nshingamateka ikaba ishaka kubuza Brexit uko biri kwose, aho hari igitegerezwa gukorwa.

Ariko rero ico naco gishobora gukorwa kiragoye kumenya uravye uko ibintu bimeze ubu.