Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
UK: Ikibazo ca Brexit muri sentare
Sentare nkuru y'Ubwongereza yafashe icemezo co kubuza leta kudashoka itanguza umugambi wo kuva mw'ishirahamwe rya Bulaya itabanje kubirekurirwa n'inama nshingamateka.
Leta y'Ubwongereza ivuga ko izokwunguruza kuri ico cemezo ca sentare, kandi ko ata mugambi ifise wo kureka ngo ico cemezo kidindize umugambi wayo wo gutangura kuva mw' Ubumwe bwa Bulaya bitarenze mu kwezi kwa gatatu kw'umwaka uza.
Umushikiranganji wa mbere wa Ecosse Nicolas Sturgeon, yavuze ko iyo ngingo ya sentare ije gushira ahagaragararekana akajagari n'amadidane birangwa muri leta y'Ubwongereza.
Umunyamakuru wa BBC araba ivya pilitike, avuga ko gutweara ico kibazo mu nama nshingamateka bishobora kujana igihugu mu nzira itoroshe, na burya abenshi mu bashingamateka badashigikiye ko ico gihugu kiva mu Bumwe bwa Bulaya.