Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Amasezerano y'Ubwongereza yo kuvana n'Uburaya, Brexit, yatumye bamwe mu bagize leta bakinjura
Abashikiranganji Dominic Raab hamwe na Esther McVey bashikirije urwandiko ko batanze imihoho bitewe n'amasezerano ya Brexit Ubwongereza bugiye gushira imbere y'umuryango wa Buraya.
Umushikiranganji ajejwe umugambi wa Brexit, Dominic Raab yatanze imihoho avuga ko "adashobora gushigikira bivuye ku mutima" integuro y'amasezerano Ubwongereza bwipfuza gupfundika n'umuryango wa Buraya.
Ku munsi wa gatatu umushikiranganji wa mbere Theresa May yamenyesheje ko yamaze kwemeregwa gushigikigwa na leta ku bijanye n'ayo masezerano, inyuma y'inama yamaze amasaha atanu.
Ariko bivugwa ko abashikiranganji benshi batayashigikiye.
Bwana Raab ashigikira kuva mu muryango wa Buraya, ari mu bafashije gutegura ayo masezerano, ariko akaba ari mu mugwi w'abashikiranganji atanezereje.
Inyuma ya Bwana Raab, umushikiranganji w'akazi no gutegekaniriza kazoza Esther McVey yashikirije ikete ryo gutanga imihoho umushikiranganji wa mbere Theresa May.
Mu bituma bikuru bikuru uwo mutegetsi yishimikije, yavuze ko ayo masezerano adategekaniriza kazoza k'igihugu.
"Ndemera ko dukwiye kubandanya dukorera hamwe ngo twubahirize ishaka ry'abanyagihugu b'Ubwongereza, tugashika ku masezerano meza ya kazoza k'igihugu cacu. Ayo masezerano siko ameze.
"Integuro yashikirijwe inama nshinkiranganji izosuzumwa n'igihugu cose, isigura gutanga imiliyaridi 39 z'amapawundi ataco dukuyemwo. "
Madamu McVey asanzwe ari n'umushingamateka, avuga ko atabona ukuntu yobisigurira abanyagihugu bamutoye.
"Sinshobora kuyashigikira, sinshobora gutora nemeza ano masezerano".
Abandi bamaze gutanga imihoho harimwo umufasha mu bushikiranganji bw'indero Anne-Marie Trevelyan hamwe n'umushikiranganji wo muri Irlande du Nord, Shailesh Vara.
Ivyo vyotuma umushikiranganji wa mbere akugwa?
Umushingamateka Anne Marie Morris wo mu mugambwe w'aba "Conservateurs" ashigikiye ukuvana na Buraya yabwiye BBC ko azi atakwihenda ko abashingamateka b'uwo mugambwe bamaze kurungika amakete yo kumukurako icizere mu gutanguza ukwiyamiriza ubutegetsi.
Yavuze ko hakiri umwanya wo gushinga uwundi mushikiranganji wa mbere no guhindura inzira Brexit irimwo, yongera ati: "Kino si igihe c'uko yorongora igihugu".