Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kuva kw'Ubwongereza mw'ishirahamwe rya Buraya ntikworoshe
Umukuru w'akanama k'ubumwe bwa Buraya yagabishije ko igice ca kabiri c'ibiganiro vya Brexit kizoba kigoye gusumba ica mbere.
Ivyo Jean Claude Juncker yabivuze mu gihe abategetsi b'ubumwe bwa Buraya bakoranye kugira batange uburenganzira bw'uko ivyo biganiro bibandanya.
Abo bategetsi b'ibihugu 27 bigize iryo shirahamwe bozosigara inyuma ya Brexit, babanza kwemeranya ubwa mbere ko hari intambwe imaze gushikwako.
Intambwe ikurikira izoba ri nk'umwumvikano w'imfatakibanza, uzokurikirwa n'amasezerano y'ubudandaji.