Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uwigeze kuba Musenyeri Mukuru muri Australia yahanaguriwe ivyaha vyo guhishira abashurashuza abana
Uwigeze kuba Musenyeri Mukuru muri Australia yahanaguriwe ivyaha vyo guhishira amabi ashingiye ku gitsina yakorewe abana.
Umucamanza wa New South Wales yavuze ko hari imvo zumvikana zotuma umuntu akekereza ku ngingo yari yarafatiwe.
Bwana Wilson w'imyaka 68, niwe muntu wa mbere kw'isi mu bihebeyimana muri Ekleziya Gatolika yagiwe n'icaha co guhishirira amabi ashingiye ku gitsina.
Ariko yagumye ahakana ko atazi ko umupadiri James Patrick Fletcher yahohoteye vy'igitsina abana b'abahungu mu myaka y'i 1970.
Bwana Wilson yarunguruje urubanza, aho umucamanza Roy Ellis yari yasabwe kwihweza ko abashikirizamanza batanze ivyemezo bikwiye ko Bwana Wilson yanse gushira ahabona ibivugwa kuri Fletcher inyuma yaho uwo mupadiri yegetsweko icaha.
Fletcher yagiwe n'ivyaha icenda vyo guhohotera abana mu 2004, apfira mu munyororo mu 2006.
Mu rubanza rwa mbere, umucamanza mukuru Robert Stone yavuze ko Bwana Wilson yagumye anumye mu ntumbero yo gushaka gukingira Ekleziya.
Bwana Wilson yaririnze umunyororo, aca afungigwa muhira.
Ariko umucamanza Ellis yavuze ko Bwana Wilson yabaye imvugakuri.
Uwo mucamanza yavuze ko yasuzumye niba Bwana Wilson yari yashatse kubangira ku birego vyavugwa, ntabishikirize igipolisi atabanje kumenya ko ari vyo vyukuri.
Diyoseze nkuru ya Adelaide yaciye isohora itangazo ivuga iti: "Turakeje ingingo yafashwe mu rubanza rwabaye rurerure kandi rubabaje kuri bose."
Bwana Wilson yatanze imihoho yo kuva mu busenyeri mu kwezi kwa Ndwi, ariko agumana agateka k'umusenyeri naho ata mabanga ahabwa.